Umuhero wa vyose uri hafi.

*Indwi y’8 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années paires)*
*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Petero (4, 7-13)_
Bakunzi banje,

Umuhero wa vyose uri hafi: nimwitonde rero kandi nimwigerere ngo mubone uburyo bwo gusenga: imbere ya vyose, nimugiriranire urukundo rwa cane, kuko urukundo rupfuka isinzi ry’ibicumuro. Nimuhane indaro mutidodomba. Nk’uko umwe wese muri mwebwe yahawe ingabirano y’Imana, abe ari ko muyifashisha abandi nk’abashikiriza b’iyo ngabirano Imana igaba ku bwinshi. Uwuramutse avuga ijambo, n’arivuge nk’ijambo rivuye ku Mana; na we uwuramutse akorera abandi, n’abigire nk’uwahawe n’Imana ubwo bukuru; kugira ngo muri vyose Imana ininahazwe ku bwa Yezu Kristu afise ubuninahazwa n’inganji mu myaka n’imyaka. Amen.

Bakunzi banje, ntimutangazwe na wa muriro wabadutsemwo ngo mugeragezwe, nk’uko akatabonetse koba kabadutsemwo; mugabo, nk’uko musangira amagorwa ya Kristu abe ari ko munezerwa, kugira ngo no ku musi w’ihishurwa ry’ubuninahazwa bwiwe muze munezerwe muhimbarwe.
*IZABURI 95 (96) 10, 11-12a, 12b-13b*
_Icit. _: _*Umukama ariko araza ngo acire urubanza isi.*_
Cire agace abanyamahanga muti: «Umukama ari ku ngoma!»

ni we yagize isi itayegayega;

ni we acira urubanza ibihugu akurikije ubutungane.

Ijuru nirihimbarwe, isi na yo itārîke,

ikiyaga n’ivyo gitunze bitere akamo,

imirima n’ivyamwa nibihimbarwe!

Ibiti vyo mw’idonzi binezerwe,

n’uko bibonye Umukama ariko araza,

ngo acire urubanza isi.
*INKURU NZIZA*
_Aleluya, aleluya. Nimwazigama ijambo ry’ubuzima, muzoba isôko ry’umuco wakaka kw’isi. Aleluya._
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (11, 11-25)

Hanyuma, Yezu yinjira mu gisengero. Amaze kwihweza vyose, buhaye bwira, asohokana na ba bandi cumi na babiri, bagenda i Betaniya.

Bukeye, bavuye i Betaniya, Yezu yumva arashonje. Ngo abone kure umutenahi wuzuyeko ibibabi, araza ngo arabe ko yohakura icamwa, ariko amaze kwegera, asanga ni ibibabi bisa. Nka ko, nticari igihe c’amatenahi. Abwira rero nya mutenahi ati: «Ntihabe hakigira umuntu n’umwe akurya icamwa!» Na bo abigishwa biwe baravyumva.

Bashika rero i Yeruzalemu. Na we Yezu ngo yinjire mu gisengero, aja mu vyo kwirukana abavunja amafaranga n’abagurira mu gisengero, atembagaza ameza y’abavunja amafaranga n’intebe z’ababunza inuma, kandi ntihagira n’umwe arekura ngo acane ikintu mu gisengero. Ni ko kubigisha ati: «None ntihanditswe ngo: Ingoro yanje izokwitwa ingoro y’ugusenga kw’ibihugu vyose? Mweho mwayigize uburumba bw’abasuma.» Ivyo bigera mu gutwi kw’abaherezankuka n’abigisha, baja mu vyo kurondera ingene bomwica: nkako baramutinya, kuko igihugu cose cari catamariwe n’ivyo yigisha. Buhaye bwira, Yezu n’abigishwa biwe bava mu gisagara.

Bahindukiye mu gitondo kare, babona ca giti c’umutenahi cumye no mu mizi. Petero rero aribuka, abwira Yezu ati: «Mwigisha, raba! Wa mutenahi wavuma wumye.» Na we Yezu abishura ati: «Be mwemera Imana. Ni ivy’ukuri ndabibabwiye: hagize uwubwira uyo musozi ati: Ikure aho, wite mu kiyaga, adahigima mu mutima wiwe ariko yemera ko ico avuze kiba, azobona kigirwa. Ni co gituma mbabwiye nti: Ico musabisha igisabisho cose, nimwemera ko muza kukironka, muzokironka. Iyo muhagaze naho ngo musabe, hari ako mufitiye umuntu, nimumurekurire, ngo So ari mw’ijuru abarekurire namwe ivyo mwamututse.»