Amabwirizwa y’uburwaneza bw’abisezerano

AMABWIRIZWA Y-UBURWANEZA BWABISEZERANO
1⃣ Urakunda umuntu wese utazi kandi umuyagishe neza mugabo ntuce umugirira confiance ngo umwizere utarumva ijwi rimushingira intahe.

2⃣ Uraramukanye uburwaneza Abisezerano n’abandi bose uti : Shalom-amahoro! 

3⃣ Ni mwahura n’umuntu canke muhuje amaso uramwenyure naho ataco uzovuga. Ni ikimenyetso c’abana b’Imana kandi cirura umutima w’uwumwenyuye n’uwumwenyuriwe.

4⃣ Niwaronka akaryo ko gukora iciza uze ugikore bizoguha umunezero udasanzwe. Naho coba ari iciza gitoya nko gutora akantu kaguye hasi, gutanga igikombe c’amazi, kuramutsa urwaye, upfunzwe, …bizokubera umugisha.

5⃣ Nihagira uguha akantu kaba gato canke kanini, aka audio, aka message WhatsApp, information,… Uribuke kuvugaga uti urakoze.

6⃣ Ni wayaga n’uwugusumvya imyaka uzibuke kumuvuga mubwinshi: murakoze, muri…, mwagize urugendo rwiza?…

7⃣ Niwa heza kuyaga n’umugenzi canke uwisezerano uzibuke kumushimira ku kiyago no kumuhezagira uti Yesu akuzigame, Imana iguhezagire….

8⃣ Ntugatinye kubwira ukuri umuntu uwariwe wese. Igihugu cacu kizingamitwe n’uburyarya, ibinyoma… Hari benshi ukuri kubabaza mugabo niwakuvuga muguca bugufi n’uburwaneza bizofasha benshi.

9⃣ Ntukihute kwishura kutujambo tuzibura mumutima bakubwiye canke bakwandikiye. Mbere ntuze udushireko umutima. Kenshi tuva kubadayimoni. Ntuze uvuge canke ngo ukore ikintu na kimwe ushavuye. Uzorindire ubanze uturure.

🔟 Uze wame wibuka kuvuga uti ndagushima Yesu! Igihe cose uvyutse. Niwiraba mucirore naho uze umwenyure ugire uti « uri mwiza Mana wewe wandemye « www.abisezerano.com