Muriyubare abiyitirira isezerano batarizi maze bagateka imitwe.

Mwibuke yuko igihe cose Uhoraho yahagurukije igikorwa cayo santani nawe yaca akora ikinyantege nke kigomba guca n’umurimo w’Imana. Aha twobaha akarorero kamwe muri twinshi. Aho Imana yatuma Mose muri Egiputa yamubwiye gushira inkoni hasi maze ica icika inzoka. Abanyamareba bo muri Egiputa nabonyene baciye bagira ubukorikori bwabo udukonikoni twabo tuhinduka inzoka. 

Nubu Imana yahagurukije igikorwa cayo c’abisezerano ngaha mugihugu c’Uburundi nkuko yatoranije ihanga ryayo kugira ngo aburundi bwinjire mu masezerano Nyeningabo yasezeranye, Satani ntiyatanzwe gushaka kwigana igikorwa c’Imana. Nguyo ngo yashizeho utundi turwi twiyitirira amasezerano tukanagerageza kwigana ibikorwa vy’Abisezerano. Ntitwanse yuko abashaka bose bokwiyita Abisezerano ni navyiza cane kandi turabishima. Mugabo rero ari abukuri boguma kurutonde Imana yaduhaye maze bakakirwa nkabana b’isezerano. 

Hari abakoresha telefone ngendanwa bakifata amajwi ngo ni ijambo bavuze maze bakavuga ngo abanyagisagara bose ni bahungire kumisozi ngo abanyamahanga n’abaserukira ibihugu vyabo ni burire indege batahe. Uwumva urwo rwaruka rwisuka muri politique rukavuga aya muhe aca yumva neza yuko baziborerwanye umutwe muto.

Ego turazi yuko abantu benshi bakenye bagaca barondera ingene boca muryahumye abanyagihugu mukubaka intererano biyitirira imirwi, canke mukwibaza yuko bobatumira mubiganiro bagashikura makeyi mugabo ubwo bwose ni ubuhemu.

None bahamagarira imiryango yo mugisagara ca bujumbura guhungira muri rural bahunze iki? Babateguriye uburaro? ibifungurwa ? n’amazi? Babateguriye imiti n’amavuriro? Amashure y’abana? Ahubwo ni abangushi, ba sesankuyozi n’abasukanyi. Basaba abanyamahanga ngo batahe iwabo bitwaje bakishimikiza iki? Ahubwo biyitirira isezerano bâta arizo. Abisezerano Imana yarababujije kwiyita ama abréviation arizo mpfunyapfunyo canke indome nka abc-isezerano canke ikindi comekerano kwijambo Isezerano. Muribuke rero ntihagire uwo basamaza. Benshi muri utwo tudumbidumbi ni abanyamitwe bagakorera abanyamitwe nyene. Binyegeza inyuma yibitutsi batuka ubutegetsi ngo bikunde bashore inzirakarengane zibihenzeko. Bagerageza gusamaza ihanga ry’Imana kandi bidakunda. Imirwi yabo ivukira ku mpapuro igapfira mumajambo atagira ikimazi. Aho muzobunva muzobazimurure muburwaneza.

Mwibike yuko kubera ubushobozi bw’Uhoraho ya nzoka ya Mose yamiraguye bwabuyoka bw’abanyamareba bwose . Na nubu ubushobozi bw’Imana ni bwabundi. Mbwire gito canje goto c’uwundi c’umvireho. Yesu abahezagire!www.abisezerano.com