đ AMAJAMBO Y’UBWENGE Y’ABISEZERANO đđœ
Tubanje kubaramutsa mwese duti: Shalom shalom, amahoro y’Imana abane namwe!
Barundi, barundikazi namwe rwaruka rwa Barundi aho muri hose. Nkuko umwungere yigeze kubitumenyesha yuko abarundi turabantu badasanzwe kandi tutameze nkayandi mahanga kuko dufise n’imico idahwanye niyahandi kiretse isano dufise ihwanye n’abisirayeli kuko turabimana koko. Twagomba twibukanye abo turibo nico twokora kugira tugirire ikimazi igihugu catwibarutse.
1. Mwibuke kuvakera kuri basokuruza ingene barwanije abadagi naba rumariza n’abandi kuko bamwe arintwari. Bibiliya iratubwira ngo ntitube abaja bivyaha n’abantu. Abi Galate 5:1. 2. Mwibuke ko kuva kera ibintu bikora Kuko Imana yamye ikoresha abantu, nkakarorero Mose Imana yamubajije iti ufise iki? Kubera izomvo harageze aho dusenga tugakora. Imigani 22: 28-29. « Ntugashingure akarimbi k’urubibe rwa kera, Ba sogokuruza bashinze. Ni wabona umuntu w’umunyamwete mu vya akora, ben’uyo azokorera abami, ntazokorera ba nyarucari. »
3. Ntuze wemere guhemukira igihugu ahubwo wemere ucigure nkabasokuru kuko wanka gutanga amaraso yawe kugihigu imbwa zikayanywerubusa. Hako upfa nkimbwa wopfa nkumugambo uburundi n’abarundi bazovuge kandi bakwibuke ko war’intwari. Imigani 23:10 » Mwana wanje, wumvirize ugire ubwenge, urongore umutima wawe mu nzira. »
4. Ntukagirire ishari abanyakibi kandi ntukifuze kubana nabo. Kuk’umutima wabo wiyumvira guhonya kand’iminwa yabo ikavuga ivy’ukugira nabi.
5. Ubwenge nibwo bwubaka igihugu kandi ubukerebutsi nibwo bugikomeza no kugitezimbere. Harageze rero yuko nawe wosenya kugira turwize umuganda atarivyo gutererekanya.
Menya neza:-Ni wadendebukirwa ku musi w’ivyago, inkomezi zawe zizoba zari nke.
6. Nyabuna urokore abo bashorewe bajanwa kwicwa, n’abagenda bacitse intege bajanwa gutikizwa, ntubure kubatabara. Rero kubera Imana yatanze umwana wayo Yesu Kristo kugira aducungure nawe atubwira ko dukwiye kuja kuriwe aturuhure iyi ngogo ituremereye mu gihugu. Matayo 11:28-29.
Murakoze, mubimenyeshe abandi.
Ubuntu bw’Umwami Yesu Kristo n’urukundo rw’Imana bibane namwe mwese amen amen! A B I S E Z E R A N O. http://www.abisezerano.com
