AMAJAMBO Y’UBWENGE Y’ABISEZERANO IMBERE Y’UKWAMBUKA.1. Inyuma y’ijambo ryanditse canke rivuzwe haba hariho nyene ryo. Ni ukwama rero ushaka gutahuza ngo umunye neza uwarivuze uwariwe nico yarivugiye.
2. Iyo ufise amabanga mub’Isezerano womenya yuko uri imboneza mugabo utari umutware. Ni ukuraba neza rero ntutange amategeko kuko ntawe uhemba mugabo mwumvikane ico mwokorera hamwe kibereye.
3. Iyo wabaye uwisezerano, womenya yuko wagiriwe ubuntu n’Imana. Ntukisuzugure canke ngo ureke abaribo bose ngo bagukandamize. Wibere umurwaneza kubw’ubuntu bw’Imana wumva vyinshi ukavuga make.
4. Iyo uri uwisezerano uganira na bose, ugakunda bose kandi ugashikirana na benshi mbere no mubaguhama mugabo wizere imparurwa. Kuko burya Yuda iyataba umwigishwa wa Yesu ngo abe ajejwe amabanga y’umubitsi ntivyari kumworohera kugurisha Umwami wiwe.
5. Iyo uruwisezerano Umenyako bose baje mugabo yuko abahamagawe ari bake. Uwuje wese uramwakira n’uwugiye ukamusezera. Mumuguruka harabamwo imbuto zibihumwa kandi urwanfu n’uburo birakurana. Rero ntiwosya bwose ngo ugende utazambaye kuko igihe cose umurango witereye wama ukurikirwa n’umwijima. Niko Imana yabikoze.
6. Umuntu niyaguhamagara ngo ingo ndaguhe canke ingo tubonane, uze ubanze wibaze ibituma kandi umenye ibihe n’amayira kuko umwanshi azogukwegesha ico ukunda nkakurya kwakamashu canke igera.
7. Iyo uruwisezerano, abantu benshi bazoshaka kumenya ukurwa n’uko uvyuka. Urabime amaso, ubime amatwi mugabo ubamwenyurire. Kuko wihaye kubaganyira ayugowe uba wibagiyeko naho ubona nabonyene basayangana bafise ingorane kurusha izufise.
8. Uruwisezerano ni wasonza wigumye kandi niwanyoterwa wigumye kandi uganze agashavu kabaguhama kuko impera yawe iri imbere. N’abantu nibakuremera uhitemwo kwubaha Imana aho kwubaha abantu. Mose kubera ishavu yakubise urutare gatatu bimuviramwo kudashika i kanani kandi abisirayi bidodombeye mubugararwa Imana irungika inzoka z’ubumara zirabakomora. Wame wizigira Uhoraho maze intakebwa nizagukengera wihorere kuko uzi ibanga ry’isezerano.
9. Iyo uri uwisezerano uramenya yuko ikinyoma kiryoha kuwugikoresha kuko kirengeka kukatsi uwo utizigiye, kikakurengereza umunsi maze ugukememura utubazo mumwanya uba uriko urakenyera. Mugabo rero kirababaza cane uwabeshwe canke uwabeshewe, mbere kigatera ubushangashirwe. Ikinyoma kirasambura gusumba ivyo cokwubaka, kiracanishamwo abonse rimwe, kigasasika inganda. Uririnde kurwa mukinyoma, wirinde no kukinyomoza kuko burya imburabwenge zogutsindisha kumenyera ubuswa bwazo.
10. Iyo uruwisezerano umenya yuko igikorwa ari nk’imeri iri mukiyaga yiteguye kugenda ngo ije kuyindi nkombe. Ico gitandukaniyeko n’ibindi vyombo ni uko capitaine w’icombo c’isezerano ari Yesu. Nawe ashobora vyose. Ni nkigihe abisirayeri bitegurira kujabuka maze Imana ikabwira Mose kurambura inkoni kukiyaga maze ubwoko bw’Imana bukajabuka kwisi yumumutse. Uhaye icubahiro c’Imana umwana w’umuntu uba umukwegeye kandi nawe uba wishize mukaga. Ntuze uhurumbire n’ivyicaro ahubwo utangura ibikorwa kandi werekane umwimbu. Dushira Yesu imbere icubahiro kikaba rwiwe.www.abisezerano.com
