đ UMUTWARO W’AMASENGESHO YO KWISONZESHA đđœ Kw’igenekerezo rya 1 Ruheshi 2016 kuva 6h zo mugitondo kugeza 6h umurango n’ijoro (24h).
Turabaramukije mwese aho muri amahoro y’Imana abane namwe. Shalom ! Shalom!
ThĂšme canke icivugo c’amasengesho ni: « Ni muze twegere kugira Yesu aturuhure. »
Barundi, barundikazi namwe rwaruka, twagomba kubibutsa yuko mugitabo citwa Zaburi 33:16-22. Twitege ugutabarwa kuva k’Uhoraho kuko agomba akoreshe ihanga ryayo ivyubuhizi. Ico tugiye gusengera:
1.Gusengera ihanga ry’Imana aho riri hose. Na Isirayeli n’Uburundi kugirango ubugombe bw’Imana buranguke.
2.Imana ishireko ubudahangarwa kubisezerano.
3.Gusabira uruzitiro n’inkomezi abisezerano.
4.Gusengera abari mungorane zitandukanye. Na cane cane abapfunzwe, impunzi, abarwaye, abashinje, abagendana ubumuga, abari mumutekano muke n’abandi kugira ngo babone ikiganza c’Imana.
Tubaye turabashimira ku kigoro nubukerebutsi n’ubwira mugiye kubikorana. Murakoze, mumenyeshe abandi.
Ubuntu bw’Umwami Yesu Kristo n’urukundo rw’Imana bibane namwe mwese amen amen!
Bigiriwe i Bujumbura, kw’igenekerezo rya 30 Rusama 2016. A B I S E Z E R A N O. http://www.abisezerano.com
