Imburi ya kane Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha
INDUNDURO« Naho umunyavyaha yokora ikibi ibihetangabo ijana, akaramba cane, yamara ndazi ko abubaha Imana ari bo bazoba amahoro, abayubaha bari mu nyonga zayo ; 13 ariko nta mahoro azoba ku munyakibi, kandi imisi yiwe ntazoyirambiramwo, imeze nk’igitutu ; kuko atubaha Imana ari mu nyonga zayo » Umusiguzi 8 :12-13

Mbaye ncugurura iyi nyabwonko yanje, orodinateri, agatiro karantwara nkirindiriye ko ivyo nariko nimurira ahandi bishikayo, ijwi rirambwira riti: « Abasayangana basayangane ubu kuko ibintu birahindutse » . Nihutiye kubibwira abo twari twicaranye mpinda umushitsi. Ibihe bigira bihinduke, bene Data. Ve mu bwami bwa Satani ari bwo bwami bwo mw’isi, mwinjire mu bwami bw’iyiriko iradusezeranira, niyo Uhoraho. Ubu twamenye vyinshi vy’abatubanzirije, ntaco dufise twireguza nk’abo kuri Nowa. Mwarabwiwe uko mubaza ubwato bwanyu, mu mburi za mbere, yemwe. Mbere burabajwe, ni Yesu. Injiramwo uko mwabwiwe.
Maze nk’iminuta itatu gusa, nca ndabaza umwe mubo nariko ndaburira uko nari mbwiwe, nti nyibutsa uko nababwiye abe ariko ndavyandika. Anyishuye ataco yinona ati : « Ntavyo nibuka » aca akomeza kwikorera ivyiwe. Numvise ubwoba mu mutima ku vyomushikira mu gihe kigiye kuza, ataco ndi bukore. Mu gihe ca Nowa ni uko vyari vyifashe mu bantu. Hari ugukomantara imitima kudasanzwe, nk’uko tubona iki gihe mu bantu benshi harimwo n’abo twari twibaza ngo baratoranijwe, canke basi ngo barizeye. Ni ayanje ko ata mashengero y’abitwa abakizwa mwumva umukozi w’Imana avuze ubutumwa asemerera akavugishwa ivyo Mpwemu ategetse atariko aca amanota ku bantu, Mpwemu akamushingira intahe mu buryo budasanzwe n’ibimenyetso bidaseswa, ariko ivyo bigakurikirwa no kwirukanwa mu bukozi ?
Abafise inyifato z’ubugarariji bene izo hamwe n’iz’ubundi buryo zose, tukimenyesha umugisha utangwa n’Imana, bo bariraba mu bitayega barimwo, maze bakavuga bati ivyo ntibituraba kuko tuwusanzwemwo ; bikabatera kudibama no gucokora Mpwemu mu kuvuga bati nta Mana ivuze, ahubwo n’ubukene bwabo buriko buravuga. Sinezererewe ivyago vyoshika, ariko ndabamenyesha ko ababaye mu vyo bita umugisha muri ubwo buryo bagira bashikanwe mu mukungugu. Abaciriye bugufi inzira nshasha z’umugisha uva ku Mana nabo bagira bahezagirwe n’iyivuga igashitsa.
Ariko, yemwe bantu mwahezagiwe n’Imana, munkundire, mbahanure ibi : Naho Imana izokora vyinshi vy’impwemu n’ivy’umubiri mumaze kumva, ndabingingira kwatura ivyo bibiriya yita ivyizigiro bizima. Twebwe abakozi b’Imana ntitwature ivy’ama parasela manini tugiye kuzobamwo canke amazu yubatse neza canke kudasonza, ariko twature ubwiza budasanzwe bukomoka ku Mana buzoduhesha ivyo. Twature ubwo bushobozi buzoba bugose igihugu, kuko ubwo aribwo budukura muri Kanahani yo mw’isi butujana muri Kanahani yo mw’ijuru. Paulo ntiyari ayobewe ko ijambo ry’Imana ritanga uburenganzira no kuvy’ubu bugingo, ariko ivyamuhimbara yatura vyari ivyo yari yarakubitiwe kenshi, vyari ivyo yari yarumvise vyo mu bibanza bitatu, atari ivyo muri buno bugingo, avuze ivyo mu kibanza ca mbere n’ivyo mu kibanza ca kabiri, akongerako n’ivyo mu ca gatatu yamenyesheje ko ata burenganzira bwo kugira ico abivuzeko. Ivyo amaso atigeze kubona, n’amatwi atigeze kumva, bibikiwe abizera n’abakorera Imana uko ibishaka atari uko babishaka.
Nka nje, ku bindaba, ndazi ko ntazobura gusonza, no gukubitwa na vyo nyene ndavyiteze, kuko nzi ivyo nkora n’ivyo nzoba ndiko ndakora ko atari ivyo kworohereza ab’isi. Uko bibiriya imbwira muri Yohani 15 :18-27, nzi ko muri ubwo buzima nyene nzoba ndi mu mugisha w’Imana. Mbega ivyo Imana yavuze ku bakozi b ‘Imana bibashitseko, vyokwitwa inkoni canke imikate, si umugisha ? Ni umugisha koko, kuko kuvuga igashitsa ar vyo biyigira Imana. N’uyu munota nyene abanyedini banyiganyizwa mu nu nyungu zabo no mu vyubahiro vyabo n’abakunzi b’inda b’abanyepolitike, banyimba bampereye mu mizi bakambura. Na wo ni umugisha. Kuko ni ko Imana yabigeze. Ntitunezerererwa umugisha twiyumviriye, tunezererererwa umugisha Imana yatwiyumviriyeko. Amen.
Nuko rero, sayangana. Ariko none dusayangana dute ? Si ukurya n’ukunywa nk’abagira bapfe, si ukumarira ku ziko ikigega cose, si uguhereza mu bamaraya udusigaye twa nyuma two mw’ibanki waziganijemwo, si no kuja kuraba ibibanza utari bwashikemwo. Ni ugukorera Imana uko ishaka ko tuyikorera muri kino gihe, kuko hari abayikorera uko babimenyereye muri kameremere ko kubaka idini bahitiyemwo kuko ata hishurirwa ry’ibihe bafise. Ni gushirako ugakora poroje ku vyo ukwiriye kuzokora ico gihe wayumviseko yemeza umutima wawe. Mugire ubwenge nka bamwe bari bahawe itaranto cumi hamwe na zitanu. Abo bagize ubwenge bagira umugambi, shebuja arabahezagira. Ni ukwamamaza uyu mugambi w’Imana aho uherereye n’imbaraga nyinshi zisumba izo kwiyamamaza mu mugambwe, kugira ivyo Imana yo mw’ijuru ishaka bibe mw’isi kandi hahezagirwe benshi, abatinjiye mu bwato babubonye baronke n’ikibatsindisha. Ni ukwihana kugira ngo umwami w’ubwiza yinjire. Zaburi 24. Amen.
Ubu abari mu rutsinga rw’Imana bamaze guhabwa ivyo bazobamwo mu Burundi bwimirije bw’umugisha. Hari ibibazo bibiri : ubwa mbere Imana irashobora kukwereka ibintu vynshi kugira ngo uhitemwo ico ushobora. None ntiyigeze kubaza Salomo iti : nsaba ico ushaka ? Yemwe, mumenye guhitamwo neza. Umuntu azobaho neza aguwe neza mu mpwemu no mu mubiri bivanye n’ingene azoba yahisemwo ico akwiye gukora, reka mbere mvuge nti : bivanye n’ico azoba yahisemwo akwiye kumarira igihugu. Si uguhitamwo, gusa, shirako ukore na poroje y’ivyo ushaka. Erega Imana ikorana n’abakuye amaboko mu mpuzu bagafata ingingo, bakagira ico bakoze. Ibuka ba banya mibembe bane. Bafashe ingingo yo huhaguruka, Imana igira ico ikoze, ba basirikare b’abasiriya barahunga induru nk’iy’ibirwanisho bikomeye kandi zari intambuko z’amaguru arwaye imibembe. Muri Matayo 25 tunabona ingene abagize ubwenge bakadandaza bakagwiza itaranto zabo bashimwe na Shebuja agarutse. Musome neza, Shebuja wabo ntiyigeze avuga ico bazokoresha itaranto yari abasigaranye, ariko abazi ubwenge bakora poroje y’ico bokora, barabishimirwa. Itariki 25/08/2015 Uhoraho arambwira ati : itegure ndaje. Mbona ikigereranyo c’umuntu igihe co kwandika igitabo co guheza amashure kimugereyeko ata na proje yakoze, mpabwa aya majambo :
« 16Nuko none hagarara murabe ikintu gihambaye Uhoraho agira akorere imbere yanyu. 17Mbega ubu si mw’igenya ry’ingano ? None ngira nsabe Uhoraho arungike imvura irimwo imituragaro; muca mumenya kandi mubone ko ibigabitanyo vyanyu ari vyinshi, ivyo mwagabitanije imbere y’Uhoraho, ko mwisabiye umwami. » 1 sam.12 :16-17
« Kandi nzobabangurirako ukuboko kwanje, mpindure igihugu imisaka n’amatongo, uhereye mu bugaragwa burabana n’i Dibula, n’aho baba hose iyo hava hakagera : nabo bazomenya yuko jewe ndi Uhoraho» Ezekieli.6 :14
Mbega wumvise ivyo vyose, ntiwoca uhera ubu ugataka utakira Uhoraho muri aya majambo ya Dawidi, ko twumvise ko ari mu gihe c’igenya ? « Urubanza rwanje ni ruve imbere yawe, inyonga zawe zirabe ibibereye » Zaburi17 :2 (1-15)
Itariki 30-31/08/2015, ni ho nabona Perezida wo mu Rwanda ari mu Burundi ariko atawuzi aho ari. Mbona abasoda biwe batandatu bambaye ibidasa bariko biga kurasa badahusha. Batumbereza mu jisho. Nsengera Uburundi, mpabwa aya majambo :
“Mwana wanje, abanyavyaha ni bakwosha ntukemere. Ni bakubwira, bati Ngwino ujane na twe, turyamire kwica, dutegere mu mpisho utagira igicumuro, ata nyanduruko; tubayongobeze nk’i kuzimu, bakibona, ari imirava nk’abamanuka baja muri rwa rwobo; tuzoronka ibintu vyose vy’igiciro kinini, tuzokwuzuza amazu yacu isahu; enda fadikanya na twe, twese tugire umupfuko umwe: Mwana wanje, ntuze ugendane nab o mu nzira, ubuze ikirenge cawe inzira yabo, kuko ibirenge vyabo vyihutira gukora ibibi, kandi bihutira kuvisha amaraso.”Imigani 1 :10-16
Ico gihe namenye neza ko ntakwiye kwifatanya n’abicanyi abo ari bo bose. Abariko batata Uburundi, ndazi ko batabuze kurondera ufadikanya nabo kugira ngo babundire kwica. N’ubivuna nawe, ni ko k’uko, ntiyabuze kurondera ufadikanya nawe ngo yivune. Mbega uri ku ruhande rw’Uhoraho? Hari igihe Uhoraho yaravye asanga abantu biwe bose bacitse nk’inyamaswa, abura n’uwo avugisha mw’ihanga ryiwe. Mbega aragufise wewe?
Hari igihe kitarashika, kiri imbere. Maraya akomeje kwiyanduza, haguhaha, ngo avuge ati: ndahatswe! Yigarure, akomeza kongera ko ibindi bibi. Uhoraho arungika abatwikurura ibiteye isoni vyiwe. Kandi ibi biri imbere, nturyame umukondorazosi. Ijambo ryakomeje kumbwira uku, ndiko nsengera Uburundi:
“Nuko, abo batwikurura ibiteye isoni vyiwe; batwara abahungu biwe n’abakobwa biwe, na we ubwiwe bamwicisha inkota: nuko kuko bamuciriyeko iteka, ahinduka akabarore mu bagore.”Ezekiyeli 23 :10
Ewe mugenzi, ndakubwira ko akataraza gahinda. Kumbura wiyuhagire imyanda yawe wezwe! Erega iyo umuntu acitse kw’icumu, si akaryo ko kubona ko ari umugabo, ahubwo ni akaryo ko kubona ko ari ibumba mu kiganza c’Uhoraho (Yer.18:6), kuko uwuba yagiye kandi w’inyama gusa nka we aba yamubonye. None ko itariki 13 Nzero 2016 numvise ijwi rimbwira riti: « Pourparlers zizobera en en Europe, Uburundi bubatsindishe, intambara ice ihera aho » mbega nta kigira kibe? Reka ncire bugufi Uhoraho mvuge ko kumbure nariko ndirotera, ariko ijwi ntakekeranya ko ari iry’Imana ryo, ryambwiye riti: ubwato bugira bwugare, bwira abantu binjire vuba (It.6).
Muze, twiririmbire ako karirimbo Mpwemu yaciye ampa, maze Umwami abatahuze cane. “Ntaco tugaya turayashima amaraso ya Yesu, n’umwambaro w ’abagenda neza”. Ariko kubagira bajabuke uru ruzi mbona, maze ngo bahimbarirwe ivyiza Uhoraho agira akorere amasigarira hakurya y’amazi, mbibutse kandi, ntimuze mwibagire ivyo Uhoraho yabakoreye ngo muhwikirwe ku musi w’amateka mwidibamiye mu masaka (Gus.6 : 10-25).
Umwami Yesu abiteho
Eric SHIMA, Intumwa y’Imana
Indirimbo y’intsinzi nahawe itariki 25 /08/2015
1. Urukundo rw’Imana ntaco rwogereranywa namba
Urkundo rw’Imana ni nk’amazi ahinda cane
Iyo ruje gukora ntaworuzibira namba
Ni amazi asendanisha ni inkuba yo mw’ijuru
2. Yarasezeraniye igihugu c’Uburundi
Ati Humura ndaje, Isirayeli wanje
Sinari bwumve ijwi nk’iryo ry’ingene twakunzwe cane
Igahitamwo Uburundi Isirayeli ya kabiri
3. None ubu nuzuye ishimwe ry’ivy’Imana yadukoreye
Ikatwambika umutamana kandi tutari tubikwiye
N’ukuri ivyo twari twakoze tukiyanduza n’ubwicanyi
Busambanyi, macakubiri, Mana tugirire ikingongwe
4. Ubu ndavuga ngumbiriwe n’ubushobozi bw’Imana yanje
Data wa twese wo mw’ijuru, Yesu Kristo yitanze mw’isi
Uwo benshi banse kwakira, bakigumira mu mwiza w’isi
Turabasize turambutse, mu bwiza twasezeraniwe.
Eric SHIMA, Intumwa y’Imana
Email: shima.eric@yahoo.com
Tel.: 257-79108734: Mushaka guhamagara, mubanze murungike ubutumwa mu gasandugu k’ubutumwa canke WatsApp kugira duhane isango. Kandi uwanditse yidondore. Haheze imisi ibiri ntishuye, muhamagare.
Notes
46
Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/2016
Shima.eric@yahoo.com, watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry