Indemeshanyo kuri wewe wumva udendebukiwe nibiriko biraba.

đŸ””Indemesho🔮
Ntutinye abansi bawe kuko:

-Iyo Goliyati atahaba Dawidi yari guhera muntama

-iyo Falawo atahaba abisilayeli ntibari kubona icubahiro c’Imana imbere y’ikiyaga gitukura

-iyo hataba agashinyaguro ka Penina Hana ntiyari kubona umunezero wo kuvyara

-iyo Hamani atahaba ntabwo Molodekayi yari gushirwa hejuru n’umwami kandi yari kuguma kuba umuzamu

-iyo bene se wa Yosefu batamugirira ishari ntiyari kuba Ministre wa wambere muri Egiputa.

Ni yo mpamvu nkumenyesheje ko abansi bawe aribo Imana ikoresha kugira igushire hejuru. Mugire  yumugisha.