Ijambo ry’Imana ryo kukuremesha/ Kinyarwanda

Ijambo ry’lmana ry’uwu musi! Ivyakozwe n’lntumwa 1:6-8( Version y’lkinyarwanda).” 6 Nuko bamaze guterana baramubaza bati “Mbese Mwami, iki ni cyo gihe wenda kugaruriramo ubwami mu Bisirayeli?” 7 Arabasubiza ati “Si ibyanyu kumenya iby’iminsi cyangwa ibihe Data yagennye, ni ubutware bwe wenyine. 8 Icyakora muzahabwa imbaraga Umwuka Wera nabamanukira, kandi muzaba abagabo bo kumpamya i Yerusalemu n’i Yudaya yose n’i Samariya, no kugeza ku mpera y’isi »     Ndabaramukije mw’izina rya Yesu Kristo ,Umwami lmana abahe umugisha. { Abigishwa ba Yesu bari abantu nkatwe buri gihe cose bama bashaka kumenya neza igihe Yesu azogarukira,bakitaho kumenya neza ibimenyetso n’ibihe. Impamvu yatuma bagomba kumenya cane ivyo ahanini ntikwari ugukunda lmana cane n’igikorwa cayo ahubwo kwarukugira bumve aho azogarukira kugira baronke opportunités runaka kuko bari basanzwe bazi ko nagaruka azoba aje kuganza nk’Umwami muburyo bw’ubwami bugaragara. Inyigisho za Yesu misi yose zaba zigmije kwumvisha umwana w’umuntu urukundo rw’lmana n’umugambi wayo mwiza wo kubacungura. Natwe muri kino gihe biratangaje kwumva abakijijwe badashaka ko Yesu yogaruka vuba kuko bipfuza umwe wese kurangiza ivyiwe kw’isi canke gushika kundoto runaka canke kuryoherwa mw’isi. Ibi nk’ubu ejo buri wese amenye ko Yesu yoza hari aborira ngo ndagiye ntariye iki na kiriya,ndagiye ntarongoye,ntarongowe,sindaheza amashure n’ibindi. Ariko umwitwarariko wa Yesu si ibintu vy’isi nkubutware ahubwo nuko twe turiho ikigihe tworazwa ishinga no kwamamaza ubutumwa,halleluya! Uwu niwo muzigo yadusigiye kuko kumenya ibihe ,imisi ibi ni ivya Data. Data nabona twigishije gushika kumpera z’isi burya n’ejo Yesu yocamutuma gukura ishengero mw’isi. Birakwiye rero ko tuvuga ubutumwa ahantu hose,tumubera ivyabona kugira benshi bamwizere bakire kuko ubugombe bw’lmana suko abantu bapfira muvyaha ariko nuko abantu bokizwa bagashika kukumenya lmana(2Tim 2:4). Yesu yarongeye ati nzoba ndikumwe namwe gushika kumpera y’isi (Matayo 28:19) muvyo twocamwo vyose turiko dukorera lmana Yesu atuguma iruhande mukutwirura,kudutera intege no kudushigikira. Aha rero umukristo wese agire umutwaro wo gusengera ivugabutumwa kuko twebwe turiho ubu nitwe tuzotuma benshi bakizwa canke badakizwa kuko nitwavuga ubutumwa tugikunda ivy’isi cane ataco abadakijijwe bazoturabirako mugukizwa. Ariko nitwahinduka tukizera lmana atari mumajambo gusa,atari murusengero gusa ,lmana izogaragara no mukubaho kwacu kwa misi yose bitume ab’isi bahindukirira agakiza. Umwami Dawidi ati kuva kera nkiri umwana none ndashaje sindabona umugororotsi yahebwe canke uruvyaro rwiwe ngo rusabirize. Ivyo dukeneye vyose mw’isi azobiduha ariko tubanze turondere ubwami bw’lmana no kugororoka(Matayo 6:33).Yesu abahe umugisha abakiriye rino jambo mwese,mbipfuriza no kwongerezwa imbaraga mu murimo w’lmana !