đșđșđș UMUTUMIRO W’AMASENGESHO
Tubanje kubaramutsa tubifuriza yuko amahoro y’Imana yobana namwe mwese. Twagomba kubibutsa yuko ejo kuwa gatatu sa 6h zo mugatondo gushika gushika 18h zumugoroba Ijambo ry’Imana rivuga riti: đ « Nuko bene Data, ndabahanura kubw’imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi. Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose. »ABAROMA 12:1-2. ThĂšme
(« UHORAHO DUKIZE KANDI UTWISHURE UKO TUKWAMBAJE » Zaburi 20:9
Uhoraho abazigame. Ubugombe bw’Imana bugiye kuba mu mwanya n’isaha tutazi.hahiriwe abizigira izina ry ‘Uhoraho Imana yacu kuko twemye abandi bahetamye kandi gutabarwa kwacu kukaba kuri hafi.
Ivyo Gusengera: 1.Kwisabira uburinzi kubanyamasezerano twese 2.Gusengera abisezerano aho bari hose kugira ngo tubone ikiganza ciza c’Imana. 3.Twisabire kuguma kurutonde rwiza rwo kwizera ntiducike intege
Murakoze, mukwitanga kubw’umurimo w’Imana.
Bigiriwe iBujumbura igenekerezo rya 6 Ruheshi 2016.
http://www.abisezerano.com