Imero yabasirikare b’Isezerano uwariwe wese yomenya.

IVYITONDERWA VY’INGABO Z’ABISEZERANO MUGABO VYOMENYWA NA BOSE
1. Kirazira kwica uwisezeranokumvo izarizo zose. Dawidi naho yaronse mwirugu rya Sawuli kandi yariko aramuhiga yagize ati sinosogota iwo Imana yimikishije amavuta. 

2. Uwisezerano naho yoba yakomeretse bihambaye ndetse akanavyisabira kirazira kumuhohosha, ahubwo nyabuna mutabarize mumwandaze mumushikane aho avurirwa.

3. Naho urugamba rwoba rushushe gute, kirazira gusiga uwisezerano numwe inyuma; caba ikiziga, uwakomeretse canke uwarushe. Dukoresha inkomezi nyinshi mugukingira abacu mbere no gusumba izo dukoresha mukurwanya umwansi.

4. Umusirikare w’Isezerano afise ibanga rihambaye, yubaha amategeko, akubaha bimwe vyivuye inyuma abamukurira mu mapete no mumwuga. Arubaha agakora adahizimanze ivyo abamutwara bamutumye vyose.

5. Kirazira yuko umusirikare w’Isezerano yica umunyagihugu nibigirankana kumvo izarizo zose, naho yoba ari uwudashigikiye abisezerano. Ahubwo abwirizwa kumwigisha, kumuhanura no kumukingi.

6. Kirazira yuko umusirikare w’Isezerano yiyitirira ibikorwa vyakozwe nabandi. Boba arabisezerano, abakunzi canke abansi. Kwiyitirira ivyo utabiriye akuya bitera ubunebwe, indambi n’umuvumo kubukorwa.

7. Kirazira kwica uyo twagize imbohe canke umwansi asavye imbabazi abisezerano, uko yoba ameze kwose. Imana yaduhamagariye kugira imbabazi n’ikigongwe mbere no kubansi bacu. Turwanya abansi bacu bavyiyemeje kandi bakomeye.

8. Kirazira kurwanya abarwanya umwansi wawe abaribo bose, ahubwo urabatiza umurindi. Mugabo kirazira no kubizigira kuko bahejeje gutsinda umwansi wawe bashobora kuguhindukirira.

9. Umusirikare w’Isezerano mukurwanya umwansi ntaraba akarere atumbereyemwo gusa mugabo aratohoza kandi akamenya neza umwansi wukuri uwariwe, ahaturuka, abamushigikiye, imigambi yiwe, ubushobozi bwiwe maze agaca amurwanya mu nzira zose.

10.Umusirikare w’isezerano atsinze urugamba ntiyirara mubantu n’ibintu ngo atagure gusahura canke yironderere amaronko. Ahubwo nyabuna aca akora igikorwa co gusubiza muzabo abaziteshejwe no kugarukana ubuzima busanzwe muri ako karere kabereyemwo intambara.