Shalom Amahoro abe kubisezerano bose. Jewe nanje niyunze n’Abisezerano kubera ibituma bine bikuru bikuru ariko harimwo n’ibindi vyinshi.
1. Kuba umuhari canke umugwi w’ Abisezerano wipfuza ko iguhugu c’Uburundi kirongogwa mu nzira y’ubugombe bw’Imana yo mw’ijuru yo ya remye is n’Ijuru, Imana ya Isaka, Abraham Daniel Imana ya Yakobo,kandi kikarongogwa hisunzwe amategeko ya Bibliya mu Nzira ya ki Kristo, Yesu Kristo akaba Umwami w’Uburundi na Barundi bose. Abarongozi b’uburundi bakaba abarongowe na Mpwemu Yera kuko uwurongowe na niwe mwana w’Imana nzima, kandi ntashitsa ivyo kameremere k’umubiri kipfuza. Aho rero nca mbonamwo kwa kunyonyeza ubutunzi bw’igihugu ntibiba bikiriho ka kakarenganyo kari mubutungane, bwa bubeshi no kwihindukiza mw’ijambo ngo iya jewe ibiringo vyanje ntibirarangira amahoro ni yose Kandi ubigira nka nkana ubizi na kwa kwica uwo mudahuje ivyiyumviro kuba kuvuyeho, kuko abicanyi nabasuma abo nabawamugwanizi satani. Kuko we ibikogwa vyiwe nivyo kwica no kurandura. Ariko ab’Umwami Yesu ibikorwa vyabo n’ivyamahoro , urukundo ukuri kuko Yesu n’Umwami wa mahoro!
2. Acakabiri kuva mbaho sinari bwumve ko habaho umugwi wabagwanyi utica, ngo usahure, ufate abagore kunguvu, uhohotere abana, abagore na bene gihugu, ariko ibikorwa vyabo bukarangwa no gusenga no kuririmba. Bakarazwa ishinga n’umutekano wa banyagihugu, ni vyabo, aho bavuga bati uwuzodutera niwe tuzogwana. Kandi nizere ko atamunyagihugu azotera ingabo za Bisezerano atari abasoda. Igihe cose wumva indirimbo zo gutazira Imana n’ibindi. Ivyo vyatumye umudamu wanje ahitamwo kuzoterera Abisezerano. kuko imigambi yabo yaramunyuze, kandi ukwo yamunyuze niko izonyura n’abandi.
3. Ikindi naco nukungene Abisezerano bazoshira imbere ururimi gwi kirundi rukaba imbere muzindi ndimi iyi ninyishu yindoto zanje namye mfise ishaka nyuko ururimi gw’ikirundi go ja imbere, kuko Abarundi benshi, bavuga ikirundi, kandi bakanagisoma, ariko igifaransa icongereza n’abarundi bari kurushi barusoma bakongera bakaruvuga! Ariko ugasanga amategeko yose agenga iguhugu ari mundimi batumva! Nkuko nuguhohotera abene gihugu no kubima uburenganzira bwabo! Ikirundi rero kigiye imbere amategeko n’amabwiriza agenga igihugu akaba mururimi gw’ikirundi ! Bose bakayisomera.
4. Ikindi naco nyene aricingenzi nuko, Abisezerano bashira imbere iterambere ry’Abarundi Bose, bo mu moko yose bo ntara zose, abize n’abatize atanumwe avuyemwo! Kuko ijambo ry’Imana rivuga ngo uwufise ahe udafise, kugira mubiwanyu ntihaze habemwo umukene! Jewe mperuka mu Burundi 2015, nasanze abatunze baratunze, ariko nagiye muntara za Karusi, Ngozi, Muramvya, Gitega eka nahandi nasanze Abatwa bibera mu mashamba nkibikoko, atanumwe anezwe ivyabo! Kuko ijambo ry’Imana ntiriri muribo babaye ivyabo gusa! Mpewmu Yera w’urukundo yaragiye! None rero kubwanje Abisezerano baje nkinyishu k’uburundi n’abarundi!!!!!!!! Aho nciye kumayange. Icubahiri n’ikibe ic’Imana yab’Isezerano n’Abarundi bose.
