Isezerano rirakorerwa kandi uburongozi bw’ihanga ry’Imana si indoto canke ubuvugishwa bw’abantu

ISEZERANO IMANA YAHAYE IHANGA RY’IBURUNDIUhoraho Imana yo mwijuru ihagaze ahera hayo, yirahiye uguhoraho kwayo yuko itazobura kwitoraniriza ihanga ryayo muri Afrika naho nyene.

Maze ibicishije mubavugishwa nayo bari mugihugu c’Uburundi n’abari inyuma yigihugu mu buhungiro, yasezeraniye abarundi yuko yabatoranije kuva kera kubw’ubuntu n’imbabazi zayo. Iti : « Nzobaruhura imiruho n’imibabaro ndabahe igihugu c’amata n’ubuki, igihugu kizozira indyane z’amoko, intambara, ubukene n’inzara. Iti impunzi zose zizotaha mungo zabo kandi nzobaha iterambere ritagira uko ringana mbere gushika naho abanyamahanga bazumirwa babonye ivyo ndabakore. »

Abarundi bavyumvise uko, amashami n’ imihari irwana imwe imwe yaciye itangura kwiyitirira ayo masezerano ishira indongozi zayo hejuru ivuga yuko aribo batoranijwe. Basimbira mubinyamakuru n’inzandiko biyita abarongozi b’ihanga ry’Imana maze batangura no kwegeranya intererano.

Abandi bahimiriza abavugishwa kubavugishwako yuko aribo b’isezerano kandi kwaribo basizwe amavuta maze batangura kw’iyimika bigereranya n’umwami Dawidi.

Ntivyatevye, mbere hariho n’abaciye batangura gupanga ama leta n’ubwami vyabo no kugabangana ibibanza mbere bamwe barabiryaniramwo bagiriranira ishari n’inzigo. 

Ivyo vyose vyerekana ugukeha ubwenge bwo gutahukirwa no gusobanukirwa umugambi w’Imana. Erega Imana ntiyatoranije umuntu yatoranije abantu. N’igihe co mwisezerano rya Kera aho yatoranya Aburahamu, yamubwiye ivyuruvyaro rwiweo uko ruzongana irugereranya n’inyenyeri zo mwijuru canke umusenyi wo kukiyaga.

Benshi bibajije yuko Imana izobakoresha ibitangaza nko mugihe ca Mose maze bakarambika inkoni yabo hasi igacika inzoka mbere ikanamiragura inzoka zabanyamareba ba Farawo. Mose ntiyabwiwe mu nzozi canke n’umuvugishwa kanaka ngo kora iki. Oya yabwiwe n’uhoraho wenyene. Abo bakunzi b’isezerano bibagira yuko ikaramu yandika aruko irimwo wino kandi yuko itara ryaka aruko ririmwo amavuta (pétrole, mazutu,…)

Ntihakagire uwuguhendesha akarimi gasosa ngo Imana yarambariye, canke ngo baramvugishijweko n’ibindi n’ibindi. Ukuvangirwa kurabaho umuntu akarota inzozi zivyipfuzo vyiwe canke umuvugishwa akikanira kuvuga ivyo umuntu shaka kwumva , ivyo bavyita gupfumuza, maze mwese mugakorera mu mubiri, mukinyoma n’ukutamenya bikabajana mumahonero. Ubwo buryarya nibwo bwatumye benshi bacika inkokora baradendebukirwa. Erega nico catumye abisirayeri benshi badashika mugihugu c’Isezerano kuko bavuye ku Mana, bidodombera Uhoraho. Bagenzi beneData, nagomba ndabibutse yuko Isezerano rikorerwa, mukwitunganya n’ukwitatura n’Imana, n’ukwitangira igikorwa co kubohoza amasezerano. Imana yaguhaye ubwenge n’umubiri ngo ubikoreshe ico vyagenewe, yaguhaye ubutunzi n’amagara ngo ubiyiheshe icubahiro kandi handitse ngo udakora ntakarye kandi ngo haravumwe uwizigira umwana w’umuntu.

Nagomba nongere ndabibutse kandi ndabaremeshe yuko igihe c’Imana kigiye gushika si Umuntu azobikora ni Imana yi mw’ijuru yo yisidukiye ngo ishitse ivyo yasezeranye. Yesu abahezagire!

Vyanditwse na Kuro Murihano
http://www.abisezerano.com