☄AMAJAMBO Y’INKORA MUTIMA⚡
Ncuti zanje dusangiye gupfa no gukira, twahujwe n’amaraso y’Umwami wacu Yesu Kristo. Amahoro y’Imana abane namwe mwese. Mbanje kubaramutsa, ndabifuriza igitondo ciza abandi ndabifurije umugoroba mwiza nti Shalom, Amahoro! Nagomba ndabamenyesha ijambo ry’inkoramutima Uhoraho yashize k’umutima wanje. Isi itarabaho Yesu yariho kandi ndavyemera. Soma ubutumwa bwiza uko bwanditswe na Yohana1:1-3.
1.Amajambo ngomba ndakwibutse nuko imbere yuko Imana irema umuntu ikamushira mw’itongo ryo muri Edeni: Yabanje gutegura itongo aho umuntu ashikira n’ibimutunga. Soma neza Itanguriro 1:1-25.
2.Imana imaze kurema vyose ibona rero kurema umuntu kuko yari yateguye vyose. Itanguriro 1:26-27.
3.Imana imaze gutunganya vyose ica ihezagira ubugeni bwa Adamu na Eva ngo barondoke buzure isi bayiganze nibiriko vyose. Nagomba mbeshuze abigisha bibinyoma babesha abantu badakunda gusoma ijambo ry’Imana ngo Adamu na Eva ko bakoze icaha cubusambanyi. Ico nikinyoma kibishe kuko Bibiliya ntanakimwe ivuga inyegeje ariko vyose irabishira ahabona. Isomere kugira utahure neza. Itanguriro 1:28.
4.Utaravuka Imana yari ikuzi, utaramera nkurusoro munda y’umuvyeyi wawe. Jeremiya 1: 5; Yesaya 44:2. Umwami Dawidi yabivuze ko akimeze nkurusoro Imana yarimuzi kandi n’intumwa Pawulo yarabivuze ko Imana yamuhamagaye akiri munda ya nyina nkuko tubisoma mubi Galatiya1:15. None bidufashiki canke bitwigishiki? Ntiwifate uko utari umenye ko igituma Imana yakuremye nuko yarifise umugambi mwiza k’ubugingo bwawe.
5.Dusomye igitabo c’isezerano rya kera na rishasha tubona ko Imana yatoranya abantu kumabango kanaka hamwe n’Umwami Yesu yatoranije abigishwa biwe 12 mubandi benshi.
6.Kubaho kwawe ntabwo ari kugihamana ariko nukubw’umugambi w’Imana. Kubaho k’umuswi ntabwo ari impuhwe z’agaca!
7.Ntuzutinye umuntu niyakubwira ko azokwica ariko uramwegera kure uvuge uti: Sinzopfa ariko nzobaho kugira namamaze ubukuru bw’Imana. Zaburi 118:17. Uhoraho niwe atuma umuntu abaho kandi niwe atuma umuntu apfa. 1Samuel 2:6
8.Ntutinye icica umubiri ariko utinye icica umutima kikaguterera muri gehenomu. Benshi batinya gupfa ariko ntibatinya icaha. Bakundwa ni dutinye icaha kuko nico kitwankanisha n’Imana.
9.Imana ntitoranya kubutoni oya namba. Imana ntiraba uburebure, ubugufi, kuvyibuha canke kwonda, akaranga, amashure, ubutunzi, ubukene, kugira icubahiro ku bantu canke kumenyekana, gusobeka neza n’ibindi vyinshi oya sivyo vyose wiyumvira. Imana y’itegereza umutima gusa. 1Samweli 16:7.
Menya neza: » Umushumba w’Uhoraho Imana, ni we muco w’amahanga »
None wewe ko uvuga ko urumushumba canke uwemera gukorera Imana mbega umariyiki igihugu cawe n’umurimo w’Imana? Yesaya 49:1-6
-Ni munyumve yemwe ababa ku kiyaga; namwe mwashwiragiye mu mahanga ya kure, tega amatwi. Uhoraho yaduhamagaye tutaravuka tukiri munda yaratuzi nibihe ducamwo yarabizi. Imana ishaka ko tuyihesha icubahiro ariko ivugati:
-Bamwe yarabakuye mu menyo y’abagomba kubatabagura abandi arabarinda mubihe bitoroshe kandi bigoye ariko ikiyibabaje nuko baguma bajarajara bakanka gukurikira umuco bagakurikira ibinyoma rero ni mwigarure murondere Uhoraho bigishoboka kwabonwa hama ibibazazaniye muyisiguze ice ibaha umuco unyuranye n’ukwifuza kwanyu.
Harageze ko twegera Imana tuyirondere n’umutima wose n’ubwenge bwose kuko igiye kudutangaza abantu bahinde agashitsi bati Mana uri Yaaaaa uri Uhoraho.
Bakundwa ncuti zanje niwasoma aya majambo usabe Imana iguhe insobanuro kugira umenye ico wokora kugira ntuze wicuze ngo iyomenya nari kuyikorera nivyawe mfise vyose. Ivyo nivyo Imana yanshize k’umutima kugira nibutse bene Burundi aho bari hose.
Murakoze, mumenyeshe abandi kandi mwubahwe.
Ubuntu bw’Imana bubane n’abakunda Umwami wacu Yesu Kristo bose ata bupfunya.
Icubahiro kibe ic’Imana ibihe vyose Amen.
Vyanditswe na mwene so Umwungere Fidèle NKESHIMANA.
