*Aberanda Karoli Lwanga na bagenziwe bapfiriye Imana**IGISOMWA CA MBERE*
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abamakabe (7, 1-2. 9-14)
Ha kurenga ku mabwirizwa ya ba Sokuru, twopfuma dupfa
Umusi umwe, abavukana indwi bafatwa kumwe na nyina wabo; umwami Antiyokusi yashaka kubahatira ku nyama z’ingurube itegeko ribuza, abagomorerako ababakubita inkoni n’ibiboko. Umwe muri bo arabaserukira ati: «Mbe ushaka kutubaza iki? Ha kurenga ku mabwirizwa ya ba data, twopfuma dupfa». Uwa kabiri na we, mu gihe yariko aracikana, avuga ati: «Wa mugesera we, udukuye muri ubu buzima bw’ubu, yamara Umwami w’isi azotuzurira ubuzima budahera, kuko dupfiriye amategeko yiwe».
Hanyuma y’uwo bafata uwa gatatu, bamwica nabi. Buno nyene asokorora ururimi nk’uko babimutegetse, atarika amaboko adatinya, aca avugana ubutwari ati: «Ijuru ni ryo ryampaye izi ngingo z’umubiri, mugabo kubera amategeko yaryo ndazirenza amaso, kandi ni ryo nizigiye ko rizozinsubiza». Umwami na we nyene n’abagendanyi biwe bagwa mu gahundwe kubera ubutwari bw’uyo musore yaraba nk’ubusa ivyo kubabara.
Igihe uno amariye gupfa, bazana uwa kane bamugira nk’aba mbere. Bugingo ari mu gucikana, avuga ati : «Wopfuma wicwa n’abantu, iyo wizigiye ko Imana ari yo izokuzura; ariko wewe ntuzokwigera ugabana izuka ry’ubuzima budahera».
IZABURI 123 (124) 2-3, 4-5, 7b-8
Icit: Umutima wacu wabavuye mu vyara,
nk’uko inyoni iva mu mutego w’abatezi.
Iyo Umukama ataba ari We yari iruhande yacu,
hamwe abantu batugurukirako,
bari kuturya babisi
kubera ishavu ryabajigita.
Muri ico gihe, amazi aba yaraturengeye rwose,
igihomoka kiba caradufomokeyeko;
muri ico gihe, isumo
ryari kuduseserako.
Umutego waciye ucika;
natwe tuvamwo turarokoka.
Urukiza rwacu turukesha izina ry’Umukama,
We yaremye ijuru n’isi.
*IGISOMWA CA KABIRI*
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (8, 31b-39)
Nta kizoshobora kudukura ku rukundo rw’Imana rwamenyeshejwe muri Kristu Yezu, Umukama wacu
Ncuti zanje,
Ko Imana isanzwe iturwanira, ni nde yoturwanya? Ko itimanye umwana wayo bwite, ariko ko yamuduhebeye twese, icoyitesha noneho kutugabira ibisigaye vyose kuri uno Mwana, ni iki? Ni nde azokwagiriza abatowe n’Imana? Mbega, Imana si Yo ibagira intungane? Ni nde azobacira urwo gutsindwa? Mbega, ni Yezu Kristu, kandi ari We yapfuye agaheza akazuka, akaba kandi ari We yicaye iburyo bw’Imana akatwambariza?
Ni nde azodukura ku rukundo rwa Kristu? Mbe, ni amarushwa canke ni amaganya, ni uruhamo canke ni inzara, ni ukubura ico twambara canke ni amakuba canke ni inkota? Nkako handitswe ngo: «Twirirwa turicwa bakaduhora, noneho twari tumeze nk’intama z’imbagwa».
Ariko muri vyose, turatsinda kubera uwadukunze. Egome, ndavyemeye ntakekereza: nta rupfu, nta buzima, nta n’abamarayika canke intwaramiheto zo mw’ijuru, nta n’ibiriho canke ibizoza, nta n’ibifise ububasha canke ibiri mu kirere canke ibiri mu kuzimu, nta n’ikiremwa na kimwe kizoshobora kudukura ku rukundo rw’Imana rwamenyeshejwe muri Kristu Yezu, Umukama wacu.
*INKURU NZIZA*
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (5, 1-12a)
Muranezerwe muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru
Yezu abonye ishengero rikoranye, aduga ku gasozi; ngo amare kwicara, abigishwa biwe baramwegera. Araheza atangura kuvuga, abigisha muri aya majambo:
«Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.
Hahiriwe abari mu marira, kuko bazohozwa.
Hahiriwe abashonje n’abanyotewe ubutungane, kuko bazoshira ipfa.
Hahiriwe abanyakigongwe, kuko na bo bazokigirirwa.
Hahiriwe abari n’umutima mwiza, kuko bazobona Imana.
Hahiriwe abaremesha amahoro, kuko bazokwitwa abana b’Imana.
Hahiriwe abahamwa bahorwa ubutungane, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
Muzoba muhiriwe nibabatuka, bakabazigiriza, bakabaremera amabi yose muhorwa jewe, babesha. Muranezerwe muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru».
