Akamaro ka Thyme murakwiriye kukamenya.

WARI UZI AKAMARO KA THYM?Izina ry’abahanga ni Rodalia Rosae

Imana yakoze ibitanganza muri ako gaterwa  »Umereza inka ubwatsi, umeza imboga zo kugaburira abantu, kugira ng’ubakurire umutsima mw’ivu na vino yo kuyagayagisha mu maso habo, kandi umutsima uhe imitima y’abantu amagara » Zaburi 104:14-15

  THYM 

Ivyo ishobora gutunganya igeze mu mubiri:

– Ikinga udukoko dutera indwara (antiseptique)

– Ikinga imigera y’indwara ntirwirirane mu muburi (antibiotique)

– Yica udukorobi (tue les champignons et les parasites)

– Ivura indwara zo mu myanya yo guhema

– Ivura za bronchites, pharyngite

– Ivura inkokora, (thym + Eucalyptus)

– Ivura indwara z’ama allergies

– Ivura indwara z’ubwandu zifatira mu bice vyo kwihagarika (inféctions urinaires)

– Ikinga indwara z’ibicurane

– Iduza urugero rw’urukingo rw’umubiri (immune system)

– Iduza akayabagu

– ituma icunyunyu c’icuma kigwirirana mu maraso

– Irwanya imivururungano mu mara

– Itera itoto

– Ifasha igitigu mu gukura imyanda yavuye mu mfungurwa (protège le foie des toxines chimiques et alimentaire)

– Irafasha mu gukinga indwara z’ikimungu (cancers)

– Irwanya igituntu

– Irwanya indwara zo kwononekara kw’imitsi y’ubwonko (Maladies de Parkinson)

– Irwanya indwara z’ibiza zica mu myanya yo guhema

– iduza ubushobozi bwo kunonoka

– Irwanya uburuhe burenze (Asthénie)

– Itera ukutaruha mu bwonko

– Irwanya umuhangayiko

– Itera kwibuka

– Itera itiro (ku baribura)

– Ikingira umutima (cardio-protecteur)

– Irafasha mu gutunganya uruja n’uruza rw’amaraso mu mitsi

– Itunganya amafyigo

– Ivura indwara z’ubwanda zica mu bihimba vy’irondoka (herpes génital)

– Ikinga indwara zo gucibwamwo

– Irakinga indwara zo mu ngingo (amakonyera) : Rhumtatisme, arthrite

– Itunganya irukoba mu kuvur indwara z’urukoba nka Eczema, n’ibihere (acné).

– Ivura imyuna.

UKO IKORESHWA:

1..Iyo ari ifu, ufata ikiyiko n’unusu ukagitekana mw’ilitiro y’amazi; unywa agakombe mu gatondo no ku mugoroba. Mu ndwi zitatu iyo ugomba kwivura zimwe mu ndwara twavuze.
2. Iyo ari utwatsi, ufate utwatsi 4 kugera kuri 5 ugateka mu litiro y’amazi. Uhejeje urayinywa.M.N: Thym ni kuyifata nk’umuti, kwirinda kuyinywa ari nyinshi cane. Imana ibahe kurororanirwa.