Ibimenyetso vy’umuhero wisi

IBIMENYETSO VY’UMUHERO W’ISI »Ariko umuhero wa vyose uri hafi,nuko ntimuhugumbe ,mwirinde kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga  » kuko raba umiza uzotwikira isi umwiza w’umuzitanya uzotwikira isi  » (1 petero 4:7,yesaya 60:1-2)

Gushika kw’ivyahanuwe

«…ubigaragaze ku mbaho… ubisomye avyihutire. Kuko ivyerekanywe bifite igihe vyategekewe, ntibizotinda kukigerako,… ntibizabeshya: n’aho vyotinda, ubitegereze; kuko kuza ko bizoza, ntibizohera…» (Habak. 2:2-3).

Iherezo riradusatiriye. Umukiza yatubwiye ibimenyetso bizobanziriza kugaruka kwiwe (Matayo 24:1…). Kandi nta kizoba Imana itabimenyesheje abasavyi bayo (Amosi 3:7). Ariko i\vyo bizomenywa n’abanyabwenge, ni bo bubaha Imana, naho abayisuzugura babizi canke batabizi, bazoguma mu bibayovya, bizobarimbuza nibatihana, kuko banse gukunda ukuri ngo bakizwe (Dan. 12:10; Yobu 28:28; Yes. 47:10; Abaroma 1:21-22; 2Abakorinto 4:1-6; Itang. 7:1…); kandi ukuboko k’Uwiteka kuracabanguriye ababi (Yesaya 9:16, 20; 10:4).

Urukurikirine rw’ibihe

Umuhanuzi Daniel yeretswe ivy’agahembe gato (Dan. 7:8) n’ivyo kategerezwa gukora (Dan. 7:25). Ivyo vyasohoye igihe Ubupapa bwahindura ivyagezwe vy’Imana y’Imana mu ntangiriro z’ikinyejana cya 4; irya 2 ritubuza kurema ibishushanyo no kubisenga barikuramwo (Kuva 20:4-6; Gus 5:8-10; Zaburi 115:4-8; Yesaya 46:1…; 44:9…). Ikiruhuko Imana yashize ku munsi wa 7 ikawita Isabato, ikaweza ikawuha umugisha, ikawugira uwo kuruhukwako (Itangiriro 2:1-3; Kuva 16:23-30; 20:8-11; 31:15-17); bagishyira ku munsi wa mbere (ku cyumweru,uwamungu,sun-day). Abiyumvira ko bashobora guharura bahereye ku munsi bashaka, bagera ku wa 7 wabo bakaruhuka, Imana yabakuriye inkoni kugishitsi. « Kandi muzoharure iminsi muhereye kuri uwo munsi nyene ukurikira isabato » (Abalewi 23:15). Umuntu si we agorora Imana,ahubwo asabwa kuyiyoboka. « Erega ivyo niyumvira si vyo mwiyumvira; kandi inzira zanyu si zimwe n’izanje. Ni ko Uwiteka avuga. Nk’uko ijuru risumba isi, ni ko inzira zanjye zisumba izanyu, n’ivyo niyumvira bisumba ivyo mwiyumvira. » (Yes. 55:8-9).

 Uwo munsi wahinduwe na Papa Sylvestre I, mu mwaka 314 nyuma ya Kristo (Uruhererekane rw’Abapapa, N°15, p. 11). dimanche, ni umunsi abapagani basengagako izuba (Ezekiel 8:16). Ibindi vyagezwe babihinduriye ikibanza: irya 3 rizanwa mukibanza c’irya 2 ryavuyemwo, irya 4 rigirwa irya 3, irya 5 rigirwa irya 4, irya 6 riba irya 5, bityo bityo, maze irya 10 risaturwamwo kabiri, agace kamwe kaja ku 9, akandi gasigara kurya 10. Abatabisobanukiwe bakiyumvira ko ko ivyagezwe y’Imana bkiri 10, kandi irya 2 bararikuyemwo.

Abanse kugendera muri iyo myizerere y’abantu, bahasize ubuzima bwabo. Hatikiriye abagera kuri miliyoni 50 (History of Relationalism in Europe, le Lecky, vol. II, p. 32). Ubwo buhangange bwo gutegeka isi, Kiliziya Gatolika y’i Roma yabumaranye imyaka 1260 (538-1798), ivugwa mu vyahish. 12:6; 13:5; ari yo ingana n’amezi 42 (Ibyah. 12:14; 13:5; 11:2), canke igihe n’ibihe n’igice cy’igihe (Dan. 7:25).

 Ni yo minsi 3 n’igice (Ibyahish. 11:9). Iyi myaka iharurwa kuva mu 538, igihe Ubupapa bwari bumaze gutsinda Abaheruli, Abavandali n’Abaostrogoti (amahembe 3 yaranduwe n’ihembe rito), kugeza mu wa 1798, igihe Napoleon w’Umufaransa yatera igitero i Roma, mu gitero cari kiyobowe na Général Berthier, akahafata, Papa yari ariho akagirwa imbohe, Ubupapa akabwaka ububasha muri politiki. Ni ko gukomereka uruguma rwica k’umwe mu mitwe y’igikoko (Ibyahishuwe 13:3).

 Ubu Bupapa ni bwo bwari bwarahanuwe na Paulo (2 Abatesal. 2:3-12), uwabubuza kujaho muri ico gihe cy’intumwa mu kinyejana ca mbere, ni Roma Mpagani yari igifite ubutware, bwategerezwa guhera mu 538, Roma Nkirisitu igaca kwima.

Kw’ iherezo ry’imyaka 2300 (Dan. 8:14), ni ukuvuga guhera mu wa 1844, Imana yaduhishuriye ubuhanuzi bwari bwaranyegejwe aba kera (Dan. 12:9; Ibyah.10:7), mu butumwa bw’abamalaika 3 (Ibyahishuwe 14:6-12), bwahawe abategereje kugaruka kwa Yesu, bari mu nzira yo kwitondera ivyagezwe vy’Imana kandi bafite ibishingira intahe Yesu. (Yesaya 26:7-9; Ibyah. 12:17; 19:10).

Ibihe vy’akaga ni imirindi y’umuhero

Amahanga ari mu mivurungano. Ibihe vy’akaga bitugezeho… Ariko abizera Imana bazumva ijwi ryayo mu mpanda rigira riti “Ni njye, mwitinya” ( Luka 21:5-28).

Tuzahangana n’inyigisho z’ibinyoma n’abahanuzi b’ibinyoma bazahaguruka, bazigisha inzozi barose, ubuhanuzi n’amayerekwa vy’ibinyoma, ariko mubwirize Ijambo ry’Imana, ntibizabatere kwanga ijwi ry’Imana rivugira mu Ijambo ryayo. »kndi hazokwaduka abigira abavugishwa bibinyoma benshi bazimize benshi  » (Matayo 24:5, 11; Yeremiya 23:13-40)

Ubusambo no kutirinda ni vyo bizoba intandaro yo kwononekara gukomeye kw’iviyumvuro vy’ab’isi ya yiki gihe. Satani arabizi, kandi ntahwema gushuka abagabo n’abagore ngo bemere gutegekwa n’akayabagu k’ibyo bakunda batitaye ku buzima. Kurya, kunywa no kwambara vyahindutse umugambi nyamukuru wo kubaho w’ababa kw’ isi. Ibimeze bityo ni vyo vyariho mbere y’umwuzure kandi ni kimwe mu bimenyetso vy’uko iherezo ry’iyi si ryegereje cane. ( matayo 24;37-38).

Amato menshi azokwibira mu nyanja, cane cane amato y’intambara, kandi ubugingo bwa benshi buzoharimbukira. Amazu akomeye yo ku isi azoturirwa n’umuriro. Amasanganya mu mumabarabara azokwiyongera..

Intambara zizoca ibintu…, indwara, ivyago n’inzara bizohindura isi umusak. Amazi y’ikuzimu azoteza imyuzure. Umuriro n’amazi bizihuriza hamwe mu guhonya ubutunzi n’ubuzima bw’abantu.

Umwansi yarakoze kandi aracari ku murimo. Yamanukanye imbaraga nyinshi kandi mpwemu w’Imana arakurwa ku isi kw’isi buhoro buhoro. Imana yayikuyeko ukuboko kwayo… Imana ntiyabujije dayimoni guhanagura burundu umuji wa Johnstown (muri Pennsylvanie -Amerika USA) ku ikarita y’isi. Kandi ibyo bizobandanya kwiyongera kugeza kw’iherezo ry’amateka y’iyi si.

 »isi iravungaguritse,isi irasadaguritse,isi irahuzenze.isi izodandabagirana nk’imborerwa izonyiganyizwa irya n’ino nkumutara,igicumuro cayo kizoyiremera kandi izotemba ntiyongere kuvyuka ukundi » (yesaya 24:19-20)

soma igitabo :last-day events

Une réflexion sur “Ibimenyetso vy’umuhero wisi

  1. Mukomeze bene data gukwiza ubutumwa bwiza kugira ntimuzobazwe amaraso y’abazimira: »Uwuhanurwa kenshi akanka kwumva azovunagurwa giturumbuka atagira gitabara »

    J’aime

Les commentaires sont fermés.