INKOMOKO Y’AMADINI:UBUKATORIKA (CATHOLICISME)
BIBILIYA ITI: »kuko raba umwiza uzotwikira isi umwiza w’umuzitanya uzotwikira amahanga ariko uhoraho azokurasira … yes 60:2.
iy’isi turimwo imazemwo imyaka myinshi ubuzimire butazwi nabenshi bakibandanije gutega amakiriro mumadini menshi abemerera ijuru kandi nayo atizera kumwe.
Ijambo catholique risigura :ikiri hose,icuzuye,icarusangi (universel,total,general) vyavuzwe na :ARISTOTE,ZENON NA POLYPE .bose bari abagiriki.
mubuhanuzi bwa bibiliya harimwo imvugo Imana yakoresheje mukuvuga catholique:
1) agahembe gato (menyako agahembe ari umwami .daniel 8:5) .daniel 7:8,24-25.
2) yezebeli :ivyah 2:20,1abam 16:31-33.
3)umuntu w’umugarariji 2 tes 2:3-4
4) kuvanga ubukristo na politique zisi (nivyo vyitwa gusambana n’abami) ivyah 2:21-22;18:3,9.
5) kurogota ku Mana (kwigereranya n’Imana ,guharira ivyaha..)ivyah 13:6,17:3 mat 23:9
6)guhindura ivyagezwe n’ibihe daniel 7:23-25.
ubu buhanuzi bwatanguye kwibonekeza mumwaka wa 313 A.J,igihe umwami w’abami Constantin yima ingoma y’BAROMA bitewe n’abami bahura n’ivyago kubera agahamo bariko bakorera ishengero ry’Imana Constantin wewe atinye ibihano yakoze ibintu 4 :
1) yahagaritse agahamo
2) ubukristo bwemerwa mungoma y’abaroma
3) ahuza leta n’idini
4)ahuza ubupagani ,leta n’idini
Mu 321 munama yahuje :abapagani b’abaroma ,ingoma y’abaroma ndetse n’ishengero ry’Imana ryari riyobowe na SYLVESTRE WA MBERE bitewe nagahamo baribamazemwo imisi bemera kugabanya kuk’uri kugira baronke amahoro .
UMVE UKO VYAGENZE !!!
*abaroma basenga izuba k’umusi wambere w’indwi (sunday ,dimanche) ,aba bahevye gusenga izuba ariko basaba ko abakristo nabo bareka umusi w’isabato (samedi) ahubwo Imana yomwijuru bakayisenga kumusi wari uwizuba.SATANI ABAKUYEHO ISABATO Y^IMANA.
2)ibiheko bihinduka ishapure
3)guterekera no gusenga imizimu bihinduka :gusenga mariya n’abatagatifu
4)umubatizo wimukira mugahanga
.Iyo niyo ntango y’idini ryemerwa nabose,rikemera vyose,rigaha ikaze vyose,rikemera imikorere yose (CATHOLIQUE) inzira yagutse iba irabonetse « muce mw’irembo rifunganye kuko irembo ryagutse n’inzira y’igihamo arivyo bijana abantu mumahonero kandi abahaca ni benshi »mat 7:13.
nyuma yivyo bubatse insengero :SAINT SEPULCRE I YERUSAREMU ,SAINT PIERRE IROMA .. nuko ubukristo buhinduka idini ry’abaroma .Isi yose ica iyoboka ikinyoma.
« akenge kiwe kazotuma ivy’ubugunge birorana »daniel 8:25. SOMA:TRAGEDIES DES SIECLES 39-61,
ENCYCLOPEDIA UNIVERSALIS,CORPUS 4, p 389. Vyanditwe na Umuntu muzima.

Mugenzi wanditse ivyo bintu, vyari kukubera vyiza uretse gurtyoza uru rubuga mu gukwiragiza ibi binyoma.
1. Mbega amadini ni Gatolika? Ni kubera iki uru rubuga rwovanga amajambo y’Imana y’iryo Shengero n’ukuyita idini yataye umurongo, na cane cane mwisunga ibinyoma nk’ibi?
2. Ni kubera iki wofata ukutamenya n’ubuhakanyi vyawe ukavyita ukuri ukanabitangaza ngo bitakaze benshi nk’uko wabaye?
3. Ni kubera iki ga mugenzi wofata ibivyawe n’ubwenge buke n’impengamiro zawe ukavyita ubutumwa bwiza?
Nari nifuje kukwishura mugabo nabuze aho nohera kuko mbona wamaze kumugara, ariko kukureka gurtyo binyanse mu nda. Imbere y’uko mfata akanya gakwiye ko kumurikira abasoma uru rubuga mu kwishura kimwe kimwe muvyo wabeshe, nagomba mbanze nibutse ibi bikurikira,
a) Abari mw’ishengero Gatolika ntibahinduye isabato mu gukorana basenga ku munsi w’Imana Dimanche. Baninahaza umunsi w’Izuka ry’Umukama ari yo Pasika yacu. « Matthieu 28, 1 Après le jour du sabbat, comme le premier jour de la semaine commençait à poindre, Marie de
Magdala et l’autre Marie vinrent visiter le sépulcre.
Matthieu 28, 2 Et voilà qu’il se fit un grand tremblement de terre: l’Ange du Seigneur descendit du ciel et vint rouler la pierre, sur laquelle il s’assit…… »
Iminsi yo mu ndwi yose yitiriwe ibinyenyeri vyari bimaze kumenyekana ico gihe:
-Umunsi wa mbere Dimanche=Sun-Day = umunsi w’izuba (Jour du Soleil). Uwo munsi Shetani yo yagomba kungana no gusubiririra Imana yari yarawigaruriye, Yezu mu kuzuka kuri uwo munsi aba asubije iteka ry’Imana Se We Zuba ry’Ubutungane, Muco w’Amakungu, kuri uwo munsi.(Izindi nsiguro kuri ico nzozitanga hanyuma). « Matthieu 17, 2 Et il fut transfiguré devant eux: son visage resplendit comme le soleil, et ses vêtements devinrent blancs comme la lumière ».
Matthieu 17, 3 Et voici que leur apparurent Moïse et Elie, qui s’entretenaient avec lui.
-Umunsi wa kabiri Lundi = Monday (Moon-day) = Umunsi w’ukwezi (jour de la lune),
-Umunsi wa gatatu Mardi = Tuesday = Umunsi w’ikinyenyeri Mars (jour de Mars)
– Umunsi wa kane Mercredi=Wednesday = umunsi w’ikinyenyer Mercure (jour de mercure)
-Umunsi wa gatanu Jeudi=Thursday= umunsi w’ikinyenyeri Jupiter (jour de jupiter)
-Umunsi wa Gatandatu Vendredi=Friday=uunsi w’ikinyenyeri Venus (jour de Vénus)
-Umunsi w’indwi Samedi=Saturday= umunsi w’ikinyenyeri Saturne (jour de Saturne).
Ica Kabiri, ishapule si igiheko kandi ntiyatanguye muri uyo mwaka wavuze, yatanguye mu kinjana ca 13; ingene yaje ni washaka kubimenya uzobimbaza canke ubirondere.
Ica gatatu, abari mw’ishengero Gatolika ntibasenga Mariya canke Abatagatifu, basenga Imana yabahaye iryo teka ryo gutagatifuzwa bakabafatirako akarorero, kandi bakifatanya n’abo badutanze i Bukama ngo batubere mu ngoro badusabire. Ivyo ndazi ko bija kukugora kwumva nzobigarukako.
Ica Kane umubatizo ntuba mu gahanga, uba ku mutwe (sur le CHEF= la tête), n’iki nzokigarukako.
Ndagusavye se muvukanyi ntusubire kwikwegera umuvumo mu gutangariza kuri uru rubuga ibitari vyo kandi uvyitirira Imana. Vyokubera vyo winumiye hako wiyandagaza mu bitari vyo.
Nsavye abajejwe uru rubuga kwitondera ibirtyoza abandi mu kwigisha ko basenga ukutari kwo na cane caane mu kubita inzira ijana mu gaheza kandi atari vyo. Si ubwa mbere biba, ariko nifuza ko bitobandanya, kandi mu vy’ukuri nta teka canke ubwiyunge bizanira ab’isezerano.
Ese Imana Se W’Umukama Yezu Kristu Yoduha twese Umuco Wayo tukareka kujuragirika no kuzimiza abandi.
SHALOM, AMAHORO Kuri bose
J’aimeJ’aime
Nivyiza kugira ico uvuze kugira abantu babiganireko. Uwavyanditse aca asoma ibi mwanditse nawe avyigireko n’abandi babiyage. Urakoze kugira ico ubuvuzeko.
J’aimeJ’aime
Murakoze cane kuri uwo muco mutanze. Tubasabe muze mubidutondekere neza gusumba mukirundi maze tubihe nubisoma bice no kwiradiyo yacu canke mworonka amajwi yavyo mwoyaturungikira kugirango les opportunistes religieux bareke kujuragiza abantu. Murakoze.
J’aimeJ’aime