Inyifato ibereye mu gusenga / ni iyihe uhezagirirwamo?

INYIFATO IBEREYE MU GUSENGA        Bakunzi b’ubutumwa bwiza kandi namwe muronse akadyo ko gusoma iyi nyandiko,turabaramukije mw’izina rya Yesu Kristo. Tunezerejwe nukw’Imana iduhaye aka gahe kugirango tube turarabira hamwe bimwe mu vyo Ijambo ryayo ritwigisha. Ijambo ry’Imana ririmwo vyinshi tutoshobora kuvugira rimwe mur’iyi nyandiko ;naho vyose vyanditswe kugirango vyigishe umuntu,2Timoteyo3 :16. Niyo mpamvu aka kanya tugiye kurabira hamwe ingingo itubwirango « Inyifato ibereye mu gusenga » 

  Mur’iyi ngingo reka turabire hamwe ibi bintu bikurikira : a) Gusenga ni iki ? b) Ni iyihe nyifato ibereye kandi yemewe n’Imana mu gusenga ? c) Iy’umuntu atagize iyo nyifato Bibiliya imuvuga kw’iki ? d) Indunduro ya vyose.

a) Gusenga ni iki ?

        Iri jambo gusenga iyo rivuzwe,benshi bumva kw’ar’ukuja mu kibanza abantu bahuriramwo bagakorana(nko mw’isengero). Ariko ijambo « gusenga » urikurikiranye mu ndimi zitandukanye,risobanura/risigura gusaba. Uturorero : m’ururimi rw’igifaransa iyo bavuze «prier=demander quelque chose»(gusaba ikintu) ;mu congereza « to pray= to ask God something » ;(gusab’Imana ikintu) ;mu giswahili « kuomba=kutafuta jibu au msada unapokuwa na hitaji mbalimbali »(kurondera inyishu canke ubufasha igihe ufise ikintu runaka ukeneye ) . 

Ijambo ry’Imana nayo nyene riratwerekako gusenga ar’ugusaba; Matayo5 :9-13 ;Luka11 :2-4 ; Nehemiya1 :4-11 ; Daniyeli9 :1-19. 

Yesu nawe nyene imbere yukw’aja k’umusaraba,yabanje gusaba Se kugirango amuh’ubushobozi bwo kwihanganira umusaraba ;Luka21 :42. Yanasabiye intumwa kugira zigire ubumwe na Mpwemu Yera ;Yohana17 :11 ;17. Dukurikije iz’imvugo zo mur’ibi bice vyose n’iyi mirongo, dusanga gusenga atari gukoranira hamwe nkuko benshi bavyibaza,ahubwo n’ugusaba.

b) Ni iyihe nyifato ibereye kandi yemewe n’Imana mu gusenga ?

       Mbere yuko tuvuga inyifato ibereye,reka tubanze twibutsanyeko amasengesho(ibisabisho) ari ubwoko butatu(3) : ►Amasengesho yo m’umutima(prière silencieuse) ►Amasengesho yo mw’ibanga/mu mpisho(prière secrète);

Matayo 6:6.                                                                                                     ►Amasengesho ya rusangi mw’ishengero /mu gikorane(prière publique) ; Ivyakozwe n’Intumwa 20 :36.

    Mur’aya moko yose y’amasengesho,uretse ubwoko bwa mbere, ayandi yose umuntu ategerezwa kuyakora(kuyasenga) apfukamye kuko n’itegeko ry’Imana Umuremyi,Yesaya 45 :23 ; Ab’i Filipi 2 ;9-11 ;Zaburi 95 :6. 

    Bibiliya rero iratwereka abantu benshi bagiye bumvira iri tegeko ryo gusenga Imana bapfukamye. Uturorero :

– Abami :

1Abami8 :54 ;2Ngoma :13(Salomo),

– Abavugishwa : 

Daniyeli6 :10 ;Ezira9 :5,Yesu : Luka22 :41 ,

– Abantu bose baza kuri we bashaka kw’abakiz’indwara Matayo8:2 ;Matay9 :18 ;Matay15 :25 ;Matay17 :14 ;Matay20 :20 ,Intumwa :Ivyakozwe7 :59-60 ;Ivyakozwe 9 :40 ;Ivyakozwe 20 :36 ;Ivyakozwe 21 :5.

Muri make,biragaragarako ata muntu n’umwe yigeze yubahuka guseng’Imana ahagaze,atembera canke yirukanga,akinagira hirya no hino nkuko tubona bikorw’ubu mu madini atandukanye. Vyumvikaneko iyo umuntu asenze adapfukamye amasengeso yiwe Imana ntiyemera kuko ntaba yubahirije itegeko ry’Imana,kiretse nimba yoba ari k’umusego(arwaye) nka Ezekiya ;Yesaya38 :2-3.

c) Iy’umuntu atagize iyo nyifato Bibiliya imuvuga kw’iki ?

        Iy’umuntu rero asenze adapfukamye, Bibiliya irafise ingene yamuvuze. Matayo6 :5 « Iyo musenga ntimukabe nka za ndyarya,kuko bakunda gusenga bahagaze mu masinagogi no mu mayirabiri,… ». Ijambo ry’Imana rivuzeko umuntu asenga ahagaze aba ari indyarya. Aba n’abantu bakora ibintu nkana,n’ukuvugako barenga kw’itegeko barizi. Abantu nk’abo niyo bosenga ijuru rikegera isi,kuba ar’ugusengera ubusa kuko ivyo bakora si Imana yabitegetse ;Mariko7 :7 ;Imigani28 :9.    

   Ariko hari n’abandi babikora kubera ukutamenya ;abo nabo Ijambo ry’Imana rirababwira ngo « Nukw’iyi misi y’ubutamenya,Imana yarayirengagije,ariko noneho ,igera kw’abantu bose bari hose bihana,… »,Ivyakozw17 :30. 

d) Indunduro ya vyose

        Yesu yabwiye Abayuta ko bazomeny’ukuri kandi kuzobaha kwidegemvya ;Yohana8 :32 ; yongeye ababwira kandi kw’igituma bazimira ar’uko batamenye ivyanditswe vyera n’ubushobozi bw’Imana ;Mariko12 :24.

       Biragaragara neza ko ibintu vyinshi vy’ibinyoma abantu bakora ar’ingaruka mbi yo kutameny’ukuri kw’Ivyanditswe vyera ;abandi nabo n’ugukomantaza umutima no kutizera ;maze Bibiliya irabagabisha igira iti : « Kuko namba dukora ivyaha n’ibigirankana,kandi tumaze guhabga kumenya ivy’ikuri,ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha,… » ;Abaheburayo10 :26-27.

.Reka turangirize kur’iyi mpanuro Intumwa y’Imana Paul yatugiriye ;Ab’iKolosayi2 :6-10 ;Ab’i Filipi2 :14 ;

IMANA IBAGIRIRE NEZA MW’IZINA RYA YESU KRISTO ;Bene so bavug’ubutumwa bwiza bw ’ « IKANGURO N’UBUGOROZI »