» AMASENGESHO YO KW’IGENEKEREZO RYA 15 RUHESHI 2016. » Kuva 6h zo mugitondo gushika 18h zo k’umugoroba. (Amasaha 12) Ncuti namwe bagenzi muteramiye isezerano; twongeye kubaramutsa duti: Shalom – Amahoro! #Har’imburu# Dusomeđ igitabo c’uvugushwa n’Imana Ezekiyeli 29:1-8. Ehe igera rigira ifate ifi:Harageze ko twegera Imana kugira duhungire mu maboko yayo. 1.Dusengere abisezerano kugira bazigamwe na cane cane muri ibi bihe bari mwihamwa rikomeye. 2.Dushobozwe kugendera mu bugombe bw’Imana muri vyose na hose. 3.Gusengera: Abapfungwa bose, imfuvyi zose, abapfakazi bose, abateshejwe izabo, impunzi ziri mu gihugu hagati no hanze y’igihugu, abana bomwibarabara, abashomeri, abarwaye n’abandi bari mungorane. Tubaye turabakengurukira k’umwete n’ubwira mugiye gukorana ayo ma sengesho. Murakoze! Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo n’urukundo rw’Imana bibane natwe twese Amen! Bigiriwe i Bujumbura, kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi 2016. http://www.abisezerano.com
