Akagohe umunya politike Hussen Radjabu yavuniye abashira umutima kubiganiro vyamahoro bivurwa.

«  »TUVUNIRE URUGOHE ABAVYAWE N’UBURUNDI KU BIJANYE N’INVUGO IRESHA YA BANZOBA IKI ?

Uko biri ubu niko vyamye no hambere. Birazwi ko abarundi benshi bari mu mubabaro utagira urugero uvanze no kwihebura bitumwe no gutotezwa ijoro n’umuryango umwe wese yikanga kwicwa ,gupfungwa canke kwangazwa umwanya uwariwo wose bitumwe gusa n’uko banse ko Uburundi bwabo,amashirahamwe yabo,imigambwe yabo. ..bibandanya bitabagurwa.

Nk’uko vyamye na mbere hose abenshi mu bavyawe n’uburundi ubu baribaza bati mbega n’igiki codukura muri aka kaga ko ukuboko kw’ikibi kubandanya gusesa amaraso hakabo no kwihaya ko kwiyemeje gukora ayo marorerwa MILELE NA MILELE. BANZOBA IKI ivyo barabibona ariko bakaba bazi ko abarundi batareze amaboko kandi ko hari benshi babafata mu mugongo mu kubaremesha n’impfuvyi canke ABAPFAKAZI,mu kubaremesha nk’inpfungwa canke impunzi mu magorwa barimwo.

Vyaribonekeje ko mu Barundi hari benshi baremeshanya,bagarukiraniraho mu vyago ndetse bagatabarana kandi bakabigira batizera inze. Abo turabakeje ari naco gituma twashimye kwibukanya ko ata munyamahanga azoza kwigura abarundi. Agaciro k’amaraso y’abarundi azwi na bene yo. Amakungu aza yunganira kugarukana amahoro kandi ashobora guseruka abarundi bo nyene bateye intamwbe. Tube TURAREKA ivyo mu migere tubanze ibijanye n’ibiganiro. Ba NZOBIKI usanga babifata nk’inka ikamwa ivyicaro ; abatihangana usanga bifata nk’abamaze kubironka bakibagira ivyicaro bitegurwa habanje kuboreka ubwugamo ,ubwo nabwo bakaba atabwo bafise.

Ivyo vyicaro vyo mu ndoto usanga benevyo baresha abanyagihugu ko ibintu bisa n’ivyarangiye kandi ko hari ibihugu bisa bibashigikiye bisa n’ivyarangije ibibazo. Abarundi turabavuniye urugohe ko ari ibinyoma vyambaye ubusa.Ibiganiro bitera imbere ari hamwe bene guhangana bemera kuganira. Mu Burundi rero,ku ruhande rw’abitwa ko BAGWANYA ubutegetsi hari abunva ibiganiro umutima ukabava mwo ngo ibintu bigira birangire naho shwi. Ahubwo bigira bshuhe nyabuna kanatsinda no mu butegetsi nta biganiro biri mu mitwe y’abagize akarwi nyezina kaburongoye. Abafise agakiza ku biganiro bunva umuhuza bakamufata nk’uwabo canke uwo bategerewa kugira uwabo. Abarundi bamenye ko umugabo yarinze atorwa kuba umuhuza aja hagati y’abatase kugira ahagarike ukunigana. Ntaja mu kibanza ca sentare,wanashaka ntaba yitegekanije akavomesho ko gushira mwo amarira . Ufise inguvu nke ugapfukamikwa umuhuza ntaba akenewe kuko wewe aba ajejwe kubanguranya gusa bikaba bizwi ko uwuneshejwe atekereza . Ba NZOBIKI ivyo barabizi ! Barazi ko ataguhangana guhari ibiganiro bitaba ho. Naho biri uko urusato rw’ingwe batarica (arivyo vya vyicaro ) bararugabanganye kandi usanga bibahimbaye.

Bazi ko n’aho abarundi vyobagora ko abanyamahanga bazohababera ari naco mu nvugo canke inzandiko ziresha abarundi usanga bizera bongera bahaya ibihugu bizohababera maze bakabigira bikinze agahumbezi canke binyegeje mu nzandiko zitagira abazemanga canke amazina marementanyo. Bitewe n’uko bazi ko uguhinyuka ari umwanya muto baca baba barata impfane kuri kanaka canke kanaka ngo niwe abatobeye canke ku murwi munaka.

Ikibazo c’abarundi kizohezwa n’abarundi bo nyene,umuti kuri aka kaga uri mu mu Barundi.

Amasezerano y’abarundi ya Arusha ntawe yahaye INTSINZI. Amasezerano yo guhagarika intambara niko kw’uko. Abarundi barihereje ivyabo .Bafashijwe n’amakungu gusa kwicarana hamwe kandi impande 2 zavyemeye kuko zose zunva ko ziri mu rugamba.

Ubu Petero Nkurunziza arihaya,ariko azokwihaya gushika ryari ?

Mu barundi bemanga ko iri ivy’ibihe ndimwo bitewe n’amaso dufise abona agaha agaciro wa mwibutsa wa SOKURU n’umuririnvyi umuhisi Matata Christophe yasubiye mwo mu murwi « AFRIKA NIL BAND  » ngo UMUBINDI USHIRA UVYINVYE. NKURUNZIZA PETERO nawe arabizi ko kabaye ! twaragendanye ,ndazi ko kwihagararako karabaye abishoboye ! Hanyariwe abacavura inyuma yiwe bahendwa n’ingoma n’inzamba vy’ubutegetsi yihagiye ku nguvu.

Abarundi bari mu rugamba ata buryarya canke ubukunzi bw’inda babishize mwo bagume bafatanye mu nda ata buryarya mu bukene bwabo,nta nkeka bazoshika. Mu rugendo barimwo basangire bike bafise BIBUKA ko amahoro ahera aho nyene baherereye ku kivi basangire kandi ko muri ayo mahoro biha n’urusato rw’imbaragasa bashobora kurwipfuka ari batanu .NZOBIKI rero ntakwizeze inze azoba ariko aragusamaza.

Abiyunva ko bari mu rugamba bihe amahoro hagati y’abo no mu babo nayo ayizerwa ku karwi ka PETERO NKURUNZIZA ku neza y’uburundi turazi ko atayo kandi ko agiharanirwa.