Ibiganiro vy’amahoro y’abarundi bihagarikiwe n’amakungu kubera iki bitazana amahoro ahubwo bizana akarambaraye? Inyishu ya Kuro Murihano.

UBURUNDI NI IGIHUGU KITAMEZE NKIBINDI MUMASO Y’AMAKUNGU.
Uyu munsi naho mvuze yuko uburundi ari igihugu kitameze nkibindi mumaso yamakungu nsingomvye kuvuga ivyisezerano cahawe n’Imana. Uyu munsi nshimye kuvuga ivyo nitegereje mûri politique, mu ntwaro , muvyumutekano, no muvyimibano n’ayandi mahanga.

Kuva kera ku bami muburundi hamye hariho umuco wo kwica abantu bikijana. Aha notanga akarorero yuko kira mwaka inka z’umwami zashokera kuruzi aho batega umurundi wo mubwoko bw’ababanda maze zikamuhonyanga agasandaba. Abo mûri uyo muryango wiwe uwo muhango bawufata nko guterwa iteka.

Uvyitegereje neza, kwari ukutamenya ivyagateka ka zina muntu no kutamenya yuko ubuzima ari katihabwa, maze bigakomeza kubona yuko kwica ari ibisanzwe iyo atankurikizi. Ako ni akarorero kamwe mûri twinshi. Nubu rero ivyo vyarabandanije mu mitwe ya twebwe abarundi aho bishe Umuganwa Ludoviko, umugore wiwe n’abana biwe, umushikiranganji wa mbere Petero Ngendandumwe, abashingamateka n’abandi benshi bikijana ukamengo ntacabaye mugihugu.

Babonye yuko ivyo vyose bishobora kuba amakungu ahubwo agakingira inkozi zikibi, abarundi nabonyene ubwabo bagatekerwa n’ubwoba ntihagire n’uryogora; baciye banurirwa no gusesa amaraso menshi baca bavyita kwikingira. Nuko mu 1969 baca barengera mu ntwazangabo zabahutu zari mugisirikare barazikoranya zose mbere batumako nizari mu mahanga bazidenderaza yuko zateguye guhirika ubutegetsi barabica bose mbere babagerekako n’aba sivile basanzwe bifashe. Ivyo vyatumye mbere babona yuko bashobora kunganisha igitigiri c’abahutu n’icabatutsi muburundi; iciyumviro bitiriye Athemon Simbananiye. Nuko rero mu 1972 baca barakigerageza mukwica abahutu bize bose bashoboka gushika kuwariwe wese azi gusoma no kwandika. Abashikira nganji, abakozi bareta bakuru n’abato, abadandaza, abayobozi b’amashure, abarimu n’abanyere; abapadiri, amamenyeshamana…. Maze uburundi bwuzura ibinogo rusangi, imivo y’amaraso iratemba igihugu cuzura amarira n’amaganya. Impunzi ziyerera kwisi yose, impfuvyi n’abapfakazi zibura gitabara amakungu arorera abicanyi nabo baterera agati muryinyo bagereka akaguru kukandi.

Inyuma yaho haza politike zaba bagaza na ba buyoya gushika naho uburundi bwinjiye muri ca gihuhusi ca demokarasi. Nuko baravuga yuko kizira kuvuga ivyabaye muburundi kuko bavyita kuzura akaboze, mbere utanguye kubivuga canke kubibaza bavugako uri umunyamacakubiri. Kwari ukugira ngo abarundi bagume bakenyereye ku kinyoma. Nubu ubivuze hari abumva umengo urarenze akarimbi. Imana yaduhamagariye kugendera mumuco kandi ntawuzokiza iki gihugu cacu twese tugendera mumwiza.

Demokarasi iraje Melekiyoro Ndadaye bitoreye nguyo ntamaze n’amezi atatu baramwishe bamukuriza umukuru w’inama nshingamateka n’abandi benshi bakibaza yuko abanyagihugu bapfunywe muvyiyumviro kubera ya politike yo kubesha no kwica bikaba ibisanzwe. Bibaza bati uwuzoryogora tuzofyonda kurya twabagize ntega na marangara mu 1988. Bibagira yuko ibihe biha ibindi kandi ivyari imagera bigeranura.

Niho batangura ivyo bise ibiganiro vyo gusubiza ubutegetsi abatsinze amatora. Iryo jambo ibiganiro  » negosiyasiyo » ntiryababujije juguma bica abashingamateka , ba bulamatari n’abarundi isinzi batari bizigiye igisirikare cabo. Aha ntitworinda kubashira kuntonde yaho biciwe, amagenekerezo n’ababishe. Ivyo ntivyanabujije yuko baciye imyaka ibiri gusa birara mu rwaruka rwabahutu biga mûri kaminuza inganda bagasasika.

Ngabo na nyabahutu bagiye mu mirwi yitwaje ibirwanisho bavugaga yuko bagomba gukuraho ubutegetsi bushira imbere ubwoko bumwe bwabatutsi maze bugahonya abahutu. Nabo iyo bari mukibira batangura kwicana hagati yabo ngo abanyabururi bo Nyangoma na Ndayikengurukiye bikure intwazangabo zabahutu zo muzindi ntara. Ngabo barica abantu za teza, abaseminari za buta, abanyamurenge mu gatumba, barategera imiduga yingezi n’ubundi bwicanyi n’ubukozi b’ikibi.

Cakintu bise negociyasiyo rarakuze kiva kigobe na kajaga kizunguruka isi yose gica I san egidio mubutaliyano maze gitururira muri tanzaniya I Arusha maze havuka Amasezerano y’Amahoro yashikanye imihari irwanya Leta mugihugu mbere banashika kubutegetsi biciye mumatora yo muri 2005. Abarundi benshi abahutu n’abatutsi bagize ivyizigiro vyinshi bibaza yuko amahoro arama agiye kuboneka yamara siko vyagenze. Haje ikintu cishushanya n’amahoro mugabo atariyo namba. Iyo leta ntiyatevye kwerekana yuko ataho itaniye nizahahora mukwica, mugusahura , mu kwangaza, mukwiyorobeka no kubesha. Ubu hoho vyunyutse. Muvyukuri hahindutse abatwara ntihahindutse intwaro. Kandi naho haje ibiganiro vya Arusha 2 hazokwama hagaruka zangorane nyene kuko ibiganiro vyo mugihugu bivuga ingorane zabaye muguhendana ntangere, ibiganiro vyo hanze bikoreshwa n’amakungu navyo bigasiga abarundi inkore kumaso mukugabura ibibanza bakurikije ubwoko, atari ubwoko bw’abahutu n’abatutsi nkuko babivuga mugabo hagati y’ubwoko bw’abicanyi.

Ijambo ibiganiro ryumvikana neza mugutwi kuko rivuga gutorera inyishu ubwicanyi bwabaye ndanse mugihugu mugabo rikora ikindi kintu kibi cinyegeze inyuma yavyo nkuko abarundi bazokwame baharirana abahutu nabatutsi ngo ni ugusangira ubutegetsi ngo nivyo bizana amahoro. Bibandanije uko bazoshira no kuri karangamuntu ntibazihende no kwicara muri busi baze bame bicara hakurikijwe ubwoko. Ibiganiro bishigikiye akaranda k’amaca kubiri. Ibiganiro bikingira ikababa, inkoramaraso, abicanyi, ibisuma n’abambuzi kuko icambere batangurirako ibere yo kuganira ni ukwumvikana kubudahangarwa, amnistiya hanyuma hagakurikira gusangira ubutegetsi hagati yabahekuye abarundi.Biragahera! Ayo si amahoro ahagaze kubiharuro vyamoko. Abarundi bakeneye kurabira hamwe icozana intwaro nziza idakumira itunganiriza bose kandi igateza imbere bose, itunga ry’igihugu rikaba irya bose.