E-mail:lomoildkarorero@yahoo.fr
B.P 7442 Bujumbura
==========================
«UKURI KW’IJAMBO RY’IMANA»
ICIRWA:—-URUPFU (WA RUPFU WE ; INTSINZI YAWE IRI HEHE ? URUBOYI
RWAWE RURI HEHE ? (Abikorinto 15 :55)
IGICE CA GATATU
-Inyuma yaho tuvuganiye kumajambo avuga:
1.Urupfu icarico
2.Inkomo y’urupfu
-ubunaho reka turabe ibi bikurikira:
IV. UKO URUPFU RUMEZE
1. Salomo avuga mugitabo ciwe c’Indirimbo ko urupfu rufise inkomezi nk’urukundo ; Indirimbo 8 : 6. Ivyo kubazi Inkundo zihari na rumwe rumwe rwose Inkomezi rugira baca babitahura! Kuko rugira inkomezi rwisunze ico gubakiyeko, murico gihe rufata ibice 3 bikuru bigize umuntu.
a. Umutima
b. Umubiri
c. Ubugingo
Iyo rero ivyo bice vyafashwe neza n’inkomezi z’urukundo umuntu atwarwa narwo, kubindi bitarirwo akamera canke akaboneka
a. Nk’uwapfuye
b. Nk’utariho
Ibindi bintu rero muri ico gihe birapfa !
a. Nk’imigenderanire y’uwo muntu n’abamujejwe
b. Imigenderanire y’uwo muntu n’Imana
c. Imigenderanire y’uwo muntu n’ivyirwa
d. Urutonde rw’ibikorwa uwo umuntu ajejwe
e. Umutekano w’ibice bigize umubiri w’uwo muntu bira hungabana.
Iyo rero ibintu vyagenze uko tuvuze kugira bihinduke usanga ari ikintu kigoye cane n’URUGAMBA rudasanzwe. Arico gituma na Yesu Kristo nawe mu kwerekana UBUBASHA bw’urukundo yavuze ngo : MUKUNDISHE UHORAHO, IMANA YANYU ;
a. Imitima yanyu yose
b. Ubugingo bwanyu bwose
c. Inkomezi zanyu zose.
d.Ubwenge bwanyu bwose Luka 10 : 27.
Aho ni mugukunda Imana ariko hageze kugukunda umuntu avuga ngo : KANDI MUKUNDE BAGENZI BANYU NKUKO MWIKUNDA Luka 10 : 27. Kuki ? Ni kubwaza nkomezi z’urukundo zimeze nk’iz’urupfu tukiriko turasigura. Ni ukuvuga Imana kuyiha ivyo bice 3 bikugize ntakibazo kuko yo n’Imana idahinduka ; ariko umuntu arahinduka. Iyo ico kintu c’inkomezi nk’urupfu citwa urukundo rwa kanaka ugihaye ivyo bice 3 hanyuma bigahinduka !
Niho umuntu agira ingorane
a. Harabaheba kwiga !
b. Harabatagishobora gukora !
c. Harabatagisinzira !
d. Harabarwara bakagera kure ! 2 Samweli 13 : 2
e. Eka mbere hari n’abiyahura !
Ivyo rero bishika uko kuko babikoze uko bidakwiye baca bahura n’ubwo bubasha bw’urukundo.
N.B : MVUZE IVYO VYOSE KUGIRA DUTAHURIRE HAMWE NEZA URUPFU TURIKO TURIGAKO
1. UKO RURI
2. N’UBUBASHA BWARWO
-ARIKO NAHO BIRUKO KUBIZERA YESU KRISTO HARIHO IVYIZIGIRO BIREMESHA
IMITIMA Y‘ABIZERA BIVUGA NGO: Arikw’ Imana ishimwe,iduha gutsinda kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo. 1Abikorinto15:57. Tuzoshishikara…………
