Inyishu ya Kibasha Muhoho kuwanditse ivyerekeye inkomoko y’amadini. Wewe ubivuzeko iki?

Mugenzi wanditse ivyo bintu, vyari kukubera vyiza uretse gurtyoza uru rubuga mu gukwiragiza ibi binyoma.1. Mbega amadini ni Gatolika? Ni kubera iki uru rubuga rwovanga amajambo y’Imana y’iryo Shengero n’ukuyita idini yataye umurongo, na cane cane mwisunga ibinyoma nk’ibi?

2. Ni kubera iki wofata ukutamenya n’ubuhakanyi vyawe ukavyita ukuri ukanabitangaza ngo bitakaze benshi nk’uko wabaye?

3. Ni kubera iki ga mugenzi wofata ibivyawe n’ubwenge buke n’impengamiro zawe ukavyita ubutumwa bwiza? 

Nari nifuje kukwishura mugabo nabuze aho nohera kuko mbona wamaze kumugara, ariko kukureka gurtyo binyanse mu nda. Imbere y’uko mfata akanya gakwiye ko kumurikira abasoma uru rubuga mu kwishura kimwe kimwe muvyo wabeshe, nagomba mbanze nibutse ibi bikurikira, 

a) Abari mw’ishengero Gatolika ntibahinduye isabato mu gukorana basenga ku munsi w’Imana Dimanche. Baninahaza umunsi w’Izuka ry’Umukama ari yo Pasika yacu. « Matthieu 28, 1 Après le jour du sabbat, comme le premier jour de la semaine commençait à poindre, Marie de

Magdala et l’autre Marie vinrent visiter le sépulcre.

Matthieu 28, 2 Et voilà qu’il se fit un grand tremblement de terre: l’Ange du Seigneur descendit du ciel et vint rouler la pierre, sur laquelle il s’assit…… »

Iminsi yo mu ndwi yose yitiriwe ibinyenyeri vyari bimaze kumenyekana ico gihe:

-Umunsi wa mbere Dimanche=Sun-Day = umunsi w’izuba (Jour du Soleil). Uwo munsi Shetani yo yagomba kungana no gusubiririra Imana yari yarawigaruriye, Yezu mu kuzuka kuri uwo munsi aba asubije iteka ry’Imana Se We Zuba ry’Ubutungane, Muco w’Amakungu, kuri uwo munsi.(Izindi nsiguro kuri ico nzozitanga hanyuma). « Matthieu 17, 2 Et il fut transfiguré devant eux: son visage resplendit comme le soleil, et ses vêtements devinrent blancs comme la lumière ».

Matthieu 17, 3 Et voici que leur apparurent Moïse et Elie, qui s’entretenaient avec lui.

-Umunsi wa kabiri Lundi = Monday (Moon-day) = Umunsi w’ukwezi (jour de la lune),

-Umunsi wa gatatu Mardi = Tuesday = Umunsi w’ikinyenyeri Mars (jour de Mars)

– Umunsi wa kane Mercredi=Wednesday = umunsi w’ikinyenyer Mercure (jour de mercure)

-Umunsi wa gatanu Jeudi=Thursday= umunsi w’ikinyenyeri Jupiter (jour de jupiter)

-Umunsi wa Gatandatu Vendredi=Friday=uunsi w’ikinyenyeri Venus (jour de Vénus)

-Umunsi w’indwi Samedi=Saturday= umunsi w’ikinyenyeri Saturne (jour de Saturne).

Ica Kabiri, ishapule si igiheko kandi ntiyatanguye muri uyo mwaka wavuze, yatanguye mu kinjana ca 13; ingene yaje ni washaka kubimenya uzobimbaza canke ubirondere.

Ica gatatu, abari mw’ishengero Gatolika ntibasenga Mariya canke Abatagatifu, basenga Imana yabahaye iryo teka ryo gutagatifuzwa bakabafatirako akarorero, kandi bakifatanya n’abo badutanze i Bukama ngo batubere mu ngoro badusabire. Ivyo ndazi ko bija kukugora kwumva nzobigarukako.

Ica Kane umubatizo ntuba mu gahanga, uba ku mutwe (sur le CHEF= la tête), n’iki nzokigarukako.

Ndagusavye se muvukanyi ntusubire kwikwegera umuvumo mu gutangariza kuri uru rubuga ibitari vyo kandi uvyitirira Imana. Vyokubera vyo winumiye hako wiyandagaza mu bitari vyo.

Nsavye abajejwe uru rubuga kwitondera ibirtyoza abandi mu kwigisha ko basenga ukutari kwo na cane caane mu kubita inzira ijana mu gaheza kandi atari vyo. Si ubwa mbere biba, ariko nifuza ko bitobandanya, kandi mu vy’ukuri nta teka canke ubwiyunge bizanira ab’isezerano.

Ese Imana Se W’Umukama Yezu Kristu Yoduha twese Umuco Wayo tukareka kujuragirika no kuzimiza abandi.

SHALOM, AMAHORO Kuri bose