CHAPITRE 19. UKUNESHA KW’IMANA N’UBUKWE BWA WA MWAGAZI Verset 1″Hanyuma y’ivyo »bisobanurwa ngo:Uyu mwanya uzoba ukomeye cane.Inyuma y’isamburwa,y’uguhona kwa Babuloni mu mpera y’amarushwa ahambaye(à la fin de grande tribulation),imbere yuko ubwami buzoshirwaho,buzoshingwa(établir)Ivyah chapitre 20.Ibi bizofatana n’amarushwa hamwe n’ubwami bwa millénaire(ubwami bw’imyaka 1.000). « ….numva mw’ijuru ikimeze nk’ijwi rirenga ry’ishengero ryinshi »risobanurwa ngo:Bisa nkaho ryerekena abamarayika,kuberako abera(les saints)bazokwifatanya mu nyuma(Ivyah 19:5;cf 5:11,12;7:11-12).Ukugaruka kwihuta ku Mwami Yesu Kristo kuzonyarukana(kuzokwihutisha)n’iyi nduru y’amashimwe. Verset 1-6″…..Haleluya »Iri jambo ry’Igiheburayo(ce mot Hébreux)riboneka icuro zine(4 fois) mw’Isezerano Risha(Nouveau Testament),hose muri kino gice(chapitre)Ivyah 19:1,3,4,6. Risobanurwa ngo:Ni mutazire Uhoraho(Praise the Lord;Louez l’Eternel),riboneka cane mw’Isezerano rya Kera(Ancient Testament)Zaburi 104:35;105:45;106:1;111:1;112:1;113:1;117:1;135:1;146:1).Impamvu zitanu(5 raisons)zizoboneka kubwo uguhimbaza kwabo(leurs louanges): 1)Ukubohora kw’Imana(la délivrance ou libération de Dieu)kw’abantu bayo bava mu bansi babo(leurs ennemis)Ivyah 19:1; 2)Amateka y’Imana y’ubutungane(Ivyah 19:2); 3)Uguhonyanga,ugusiribanga kutashira kw’Imana bw’ubugarariji(bw’umugararizo)w’umuntu,Ivyah 19:3; 4)Ububasha bw’Imana(Ivyah 19:6); 5)Ukuja hamwe(communion) kw’Imana hamwe n’abantu bayo(Ivyah 19:7). Verset 4″Ba bakuru mirongwibiri na bane »basobanurwa ngo:Ishengero(rāba Ivyah 4:4),abacunguwe(Ivyah 4:9-11;5:5-14;7:11-17;11:16-18;14:3;19:4). « …. na vya binyabugingo bine »bisobanurwa ngo:Umugwi(groupe) uhambaye w’abamarayika(rāba Ivyah 4:6).Aba bagize umugwi umwe nko mu Vyah 7:11 kandi bafatanije cane n’uguhimbaza(Ivyah 4:8,11;5:9-12,14;11:16-18). Verset 7 » ….kuko ubukwe bwa wa Mwagazi w’Intama bushitse »busobanurwa ngo:Ubukwe bw’Igiheburayo(les mariages Hébreux)bwāri bugizwe n’intambuko zitatu(3 phases): 1)ugukwa(fiançailles)kenshi na kenshi mu gihe abakundana(couple)bāri abana; 2)ukwerekana(présentation)imisi mikuru,kenshi na kenshi yāfata imisi myinshi,ivyo bikitangira imbere y’urubanza(cérémonie); 3)urubanza(cérémonie)uguhana indahiro(échange des voeux).Ishengero ryārakowe(ayant été fiançée)na Kristo kubwo ububasha bwiwe bwo guhitamwo(Son choix)mu gihe ca kahise gahoraho(Efeso 1:4;Heb 13:20)hama rizokwerekanwa kuri We kw’iduzwa ry’Ishengero(Enlèvement de l’Eglise)Yohana 14:1-3;1Thess 4:13-18. Amazimano ya nyuma(le dernier festin)azosobanurwa ukurangiza k’urubanza.Iki kimenyetso c’indya(repas)kizoshika mu kubaka,mu gushiraho ubwami bwa millénaire(ubwami bw’imyaka 1.000)kandi buzobandanya gushika ku gihe c’iyo myaka 1.000(cf Ivyah 21:2).Mu gihe ijambo »umugeni(épouse) »kenshi na kenshi ryerekana Ishengero,kandi ni ko biri gurtyo ngaha(2 Kor 11:2;Efeso 5:22-24),rizokwaguka kw’iherezo hajemwo abacunguwe bose bo mu bihe vyose,rizoba iriboneka mu cibutso c’igitabo.📖