Ivyahishuriwe 19/ Richard

Ivyo vy’ido n’ido ntabwo biri mu mirongo y’ibice y’iduzwa ry’Ishengero(Yohana 14:1-3; 1Thess 4:13-18). « ….ifarasi y’igitare »isobanurwa ngo:Umuntu mukuru yanesheje,yatsinze muri Rome yāgendera kw’ifarasi yiwe y’igitare y’intambara(un cheval blanc de guerre)Via Sacra aja ku rusengero rwa Jupiter kuri Capitoline Hill(umusozi »montagne »uri hejuru cane mu misozi ndwi y’i Rome). Ukuza kwa mbere kwa Yesu kwāri mu kwicisha bugufi ku nyana y’indogoba(le petit d’une ânesse)Zekariya 9:9. Iyerekwa rya Yohana(vision de Jean)ryerekana Yesu nk’uwanesheje,uwatsinze(vainqueur)azoba ari kw’ifarasi yiwe y’intambara,azoza guhonya ababi,akomvomvore,akureho Antichrist,aneshe Satani,hama Yesu azofata ugusuzuma(contrôle) kw’isi(2 Kor 2:14). « ….yitwa Mwizigirwa,irindi ni Munyakuri »risobanurwa ngo: Ni Umunyakuri kw’ijambo ryiwe,Yesu azogaruka kw’isi(Matayo 24:27-31;rāba Ivyah 3:14). « ……akarwana intambara mu bugororotsi »bisobanurwa ngo:Uburake bw’ubushobozi bugororotse bw’Imana buzorwanya abantu binkozi z’ibibi(le coupable)n’abantu babagarariji(humanité rebelle).📖