Ivyahishuriwe Yohani igice ca 19/ Richard.

CHAPITRE 19. Verset 12″Inyonga ziwe n’imbeya z’umuriro »bisobanurwa ngo: Nta kintu na kimwe cihisha,cinyegeza(échapper)ukubona,iyerekwa ry’ugutahura kwiwe(sa vision de comprendre),maze amateka yiwe ibihe vyose azokwama agororotse kandi y’ukuri(rāba Ivyah 1:14). « ….kandi afise izina ryanditswe,nta wuruzi atari we wenyene »bisobanurwa ngo:Yohana yarashoboye kubona izina,ariko ntiyashoboye kuritahura(cf 2Cor 12:4).Hariho amabanga agoye gutahura(les mystères incompréhensibles)mu Butatu bw’Imana(la Trinité),uko ubumana bwabayeho bw’Imana ivyo n’abera nyene ntibazoshobora kubitahura. Verset 13″Yambaye impuzu zājobetswe mu maraso »bisobanurwa ngo:Aya maraso ntabwo azoba avuye muntambara ya Haru-Magedoni,iyo ntabwo izoba iratangura gushika Ivyah 19:15.Impuzu za Kristo zācapfujwe,zononekajwe(étaient tachés)n’amaraso y’abansi biwe(ses ennemis)hama bigasobanurwa intambara zikomeye yarangije kurwana arwanya icaha,Satani,hamwe n’urupfu. « …..kandi yitwa Jambo w’Imana »bisobanurwa ngo:Yesu ni we shusho(image)y’Imana itaboneka(Kol 1:15);bikerekana ishusho(image)yiwe y’umuntu(Heb 1:3);hama mu nyuma,ihishurirwa ryuzuye rivuye Mana(Heb 1:1-2). Verset 14″Ingabo zo mw’ijuru ziramukurikira »bisobanurwa ngo:Bagizwe ishengero(sont composés d’Eglise)Ivyah 19:8, abera bavuye mu mubabaro(mu marushwa)Ivyah 7:13; abizera bo mw’Isezerano rya Kera(Yuda 14;cf Dan 12:1-2);hamwe n’abamarayika nyene(Matayo 25:31).Ntibazoza gufasha(aider)Yesu mu ntambara,ariko bazokwimana(régner)na Yesu ahejeje,arangije kunesha,gutsinda abansi biwe(Ivyah 20:4; 1Kor 6:2; 2Tim 2:12).Gereranya Zaburi 149:5-9. Verset 15″Mu kanwa kiwe havamwo inkota ikarishe »bisobanurwa ngo:Ubushobozi bwa Kristo bwo kwica abansi biwe(de tuer ses ennemis)Ivyah 1:16;cf Yesaya 11:4;Heb 4:12-13. Iyo nkota(une épée)izova mu kanwa kiwe(out of His mouth)vyerekena ko azonesha,azotsinda intambara(le combat)n’ubushobozi bw’ijambo ryiwe. « ….azoyaragiza inkoni y’icuma »bisobanurwa ngo:Amateka agororotse anyaruka,yihuta yerekana ubutware,ukuganza kwa Kristo mu bwami.Abizera bazosangira(partager)ububasha bwo kuganza(autorité) bwiwe(Ivyah 2:26;1Kor 6:2;rāba Ivyah 2:27;12:5;Zab 2:9). « …. Kandi aganishiriza ibirenge mu bwato vino y’uburake »bisobanurwa ngo:Ikimenyetso c’ubushobozi bw’amateka(jugement)rāba Ivyah 14:19;cf Yesaya 63:3;Yoweli 3:13. Verset 16″Kandi ku mpuzu ziwe no ku kibero,afise izina ryanditsweko »bisobanurwa ngo:Yesu azokwambara ibendera rica,rinyura ku mpuzu ziwe(portera une bannière à travers son vētement)hama rimanuke ku kibero ciwe(sa cuisse)ku kibero ciwe hazoba handitsweko izina ryekerekana ukuganza kugororotse kwiwe ku bantu bose baganza(rāba Ivyah 17:14)📖