CHAPITRE 20 UKUBOHWA KWA SATANI KW’IMYAKA 1.000. Chapitre 20:1-22:21: Chapitre 19 ihereza hamwe n’intambara ya Haru-Magedoni hamwe n’ukugaruka kwa Kristo,ibihe(événements)bizokwerekana ukurangira,uguhera kw’amarushwa(la fin de la tribulation). Ibihe(événements)vya chapitre 20, ukubohwa(lier)kwa Satani, ubwami bwo kw’isi bw’imyaka 1.000 ya Kristo,umugararizo(rébellion)wa nyuma wa Satani,hamwe n’intebe niniya yera y’amateka bizoba bikurikirana neza hagati yo guheraheza,yo kurangiza amarushwa hamwe n’ukurema ijuru rishasha n’isi nshasha(la création d’un nouveau ciel et une nouvelle terre)biboneka muri chapitres 21-22. Verset 2″Afata ca gisato »bisobanurwa ngo: Ibi ntibizofata Satani gusa,ariko n’abadayimoni nabo bazofatwa(même les démons seront saisis).Ukubohwa,ukugaranwa kwabo kuzohindura cane isi mu gihe,mu kiringo c’ubwami,kuberako ukonona,ugusenyura kwabo kuzohindura,kuzotera ingorane mu rugezo rw’iciyumviro c’umuntu(dans les mesures de pensée humaine)kandi n’ubuzima buzokurwaho. « ……ca gisato »kigereranywa na Satani(Ivyah 12:3). « ….ni co ya nzoka ya mbere »bisobanurwa ngo:Vyerekana ukuboneka kwa mbere kwa Satani mw’itongo rya Edeni(dans le jardin d’Éden)rāba Itanguriro 3:1,aho yāhenze Eva(cf 2 Kor 11:13; 1Tim 2:14). »…..imyaka igihumbi »isobanurwa ngo:Ubwami bwa millénaire(ingoma canke ubwami bw’imyaka 1.000)Ivyah 20:3,4,5,6,7. Verset 3″agikororera i kuzimu »:Herekana ikibanza(place) aho abamarayika(les anges)bakororewe hamwe n’impwemu mbi aho barindiwe,bugaraniwe mukurindira ngo batabwe,bashirwe,barungikwe mu kiyaga ca ka umuriro(dans l’étang de feu),umuriro w’iherezo warateguwe kubw’abo(Matayo 25:41). « …..gushitsa aho iyo myaka igihumbi izoshirira:ni yashira gikwiye kubohorwa ngo kimare igihe gito »bisobanurwa ngo:Satani azobohorwa,azorekurwa(sera délié)maze Imana izoshobora gushiraho ukurangira kw’icaha imbere y’ugushinga,y’ugushiraho ijuru rishasha n’isi nshasha.Abo bose bazoba barabaye(survivre)mu marushwa(tribulation)hama bazokwinjira(entrer dans)mu bwami bazoba ari abizera.Uko biri kose,na ho bimeze uko,benshi bazokwanka(refuser)kwizera Yesu Kristo.Maze Satani azokoranya,azoshira,azokoraniriza hamwe(rassemblera)abo batizera kubwo umugararizo(rébellion) utabereye wo kurwanya Imana.Bizokwihuta,bizonyaruka maze basiribangwe(écraser),hakurikirwe n’intebe niniya yera y’amateka(un grand trône blanc de jugement)hama maze ugushiraho,ugushinga ibihe bidashira. Verset 4″……Kandi mbona ubugingo bw’abaciwe amazosi »bisobanurwa ngo:Abo bazoba ari abera(les martyrs)mu gihe c’amarushwa(cf Ivyah 6:9;18:24;19:2). « ……kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza » bisobanurwa ngo:Rāba Ivyah 13:16.Abera bazokwitanga gushika bicwe kubwo ukwizera kwabo(les martyrs)mu gihe ca marushwa mu kwanka ikimenyetso c’igikōko(en refusant la marque de la bête). « ….Baba bazima,bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi »bisobanurwa ngo:Abizera bo mu gihe ca marushwa ,abacunguwe(les rachetés) bose kuva mu bihe vyo mw’Isezerano rya Kera n’abo muri Rishasha(Ancient Testament et Nouveau Testament),bazokwimana,bazofatanya(règneront) na Kristo kuganza(1 Kor 6:2; 2Tim 2:12)ingoma(ubwami)y’imyaka 1.000.📖