Amen amen….Ntushobora gukora ikibi hanze kirenze icakoretse indani muriwewe! Ibibi ukora vyose vyerekana aho ugejeje kwononekara muri wewe.
Ibibi vyose bisaba inkomezi kugira bikoreke, ntahandi izonkomezi ziva atari mumutima wononekaye…
ikibazo rero nyamukuru sivyo ukora ahubgo n’ingene wasambutse indani muri wewe. Naho wogerageza kwihagararako gute, umuntu atanga icafise. Muburyo bumwe canke ubundi uzokwama usanga wama usambuza abandi ivyagusambuye.
Twari dukwiriye gutegwa ikigongwe n’abanyakibi kuko baraheze muribo.
Yesu yavuze ngo ntiyazanywe n’abakomeye ariko yaje kuvura abagwaye!
Egera Yesu rero asananure ivyononekaye vyose muri wewe, asambure n’ibibi vyose bikwubatsemwo, hama akwubakemwo ivyiza vyiwe bizogushoboza kumeregwa neza nogukorera abandi ivyiza bibakiza!
Arabishoboye, ntakibi comukanga
Yesu aragukunda gose naho wononekaye!
Arashaka kugukiza.❤
