Igisomwa ca Richard

CHAPITRE 20. verset 5″Abapfuye bandi ntibaba bazima iyo myaka igihumbi itarashira »bisobanurwa ngo:Imibiri y’abatizera bo mu bihe vyose ntibazozurwa(ne seront pas ressuscités) gushitsa intebe niniya yera y’amateka(un grand trône blanc de jugement)Ivyah 20:12-13. « Ukwo ni kwo kuzuka kwa mbere »bisobanurwa ngo:Ivyanditswe(Écriture)vyigisha uburyo bubiri bw’izuka(2 sortes de résurrection):1)izuka ry’ubugingo(résurrection de vie); 2)izuka ry’amateka(résurrection de jugement)Yohana 5:29;cf Dan 12:2;Ivyak 24:15. Izuka rya mbere rizoba iry’abagororotsi(the resurrection of the just  » Luke 14:14), izuka ry’abo bazoba ari aba Kristo mu gihe co kuza kwiwe(1Cor 15:23),hama ubuzima bwiza(Heb 11:35).Hazobamwo gusa abacunguwe bonyene b’igihe c’ishengero(1Thess 4: 13-18),bo mu gihe c’Isezerano rya Kera(Dan 12:2),bo mu marushwa(Ivyah 20:4).Bazokwinjira mu bwami mw’izuka ry’imibiri,hamwe n’abizera bazoba babaye mu marushwa. Ukuzuka kugira kabiri(la seconde résurrection),maze kuzoba ukuzuka kw’abatahindutse,abatihanye bazokwakira imibiri yabo ya nyuma,y’iherezo izokwirana,izoba iberanye kubw’umubabaro wo mu muriro. Verset 6″Ūri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere arahiriwe »bisobanurwa ngo:Abo bapfira mu Mwami(ceux qui meurent dans le Seigneur)Ivyah 14:13 bazoba bahiriwe mu kwinjira mu bwami bwiwe(rāba Ivyah 1:3). « …..Urupfu rwa kabiri »bisobanurwa ngo:Urupfu rwa mbere(la première mort)ni rwo mu mubiri,urwa kabiri(la seconde mort)ni rwo mu mpwemu kandi rw’ibihe bidashira mu kiyaga caka umuriro,umuriro udashira w’iherezo(Ivyah 20:14). Verset 7″Kandi iyo myaka igihumbi ni yashira,Satani azorekurwa ngw’ave mw’ibohera »bisobanurwa ngo:Azorekurwa,azobohorwa kugira ngo ahagurutse abatware,abarongozi hamwe kw’isi y’abagarariji bazogenda kurwanya abizera bazoba barinjiye mu bwami mu ntango.
Verset 8″…..Gogi na Magogi »bisobanurwa ngo :Ni izina rizotangwa ku ngabo z’abagarariji hamwe n’umukuru,umutware wazo kw’iherezo rya millénaire.Yāri amazina y’abansi bo mu gihe ca kera b’Uhoraho(the ancient enemies of the Lord).Magogi yāri umuhungu w’umuhungu(petit-fils) wa Nowa(Itanguriro 10:2)kandi yāri we yatanguje(fondateur) ubwami bwari i burāruko(nord) bwa Black and Caspian Seas. Gogi azoba ari umurongozi(leader)w’ingabo z’abagarariji(armée rebelle)zizoba zizwi nka Magogi.Intambara yerekanwa mu Vyah 20:8-9 isa ni yo muri Ezekiyeli 38-39.Bizoboneka neza iyi izoshika mu gusozera,mu mpera, za millénaire. Verset 9″…….na ca gisagara gikundwa »gisobanurwa ngo:Yerusalemu(cf Zaburi 78:68;87:2),umurwa mukuru w’igisagara(the capital city)mu gihe c’ingoma y’imyaka 1.000(règne de millénaire) ya Kristo(Yer 3:17).Abera bazoba bibera,bitemberera mu gisagara(the saints will be living around the city)aho Kristo azoba ari ku ngoma(reigns)cf Yesaya 24:23;Yer 3:17;Zekariya 14:9-11) 📖