*_Idominika ya 12 yo mu mwaka C_**IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (12, 10-11. 13, 1)*
_Bazokwihweza uwo basogose_
Ng’iri ijambo Umukama avumereye:
Abo mu muryango wa Dawudi n’abo muri Yeruzalemu nzobaronsa umutima mwiza. Bazoheza bihweze uwo basogose; bazomuririra nk’abaririra umwana w’ikinege, babogoza nk’abaririra umwana w’imfura. Muri ico gihe, i Yeruzalemu hazokwaduka induru n’iminiho, nka kumwe yari i Hadadi-Rimoni, mu kiyaya ca Megido. Kuri urya musi, isoko ry’amazi rizodudubiriza abo mu muryango wa Dawudi n’abo muri Yeruzalemu, ngo ribakize igicumuro cose n’iceyi cose.
*IZABURI 62 (63), 2abcd, 2e-4, 5-6, 8-9*
*Icit: Umutima wanje urakunyotewe Mukama, Mana mfise.*
Mana, ni Wewe Mana yanje,
mpora ndondera kuva mu gitondo ca kare;
umutima wanje urakunyotewe.
Nanje ndakwipfuza,
muri iyi si yase imigaga itagira n’ikinyotera.
Ni ko, narakubonye mu ngoro yawe,
ndihweza ububasha n’ubuninahazwa bwawe;
niho urukundo rwawe rwandutira amagara,
ngashobora kugushimagiza!
Ni ko, nzoguma nguhezagira umwanya nkiriho,
nzokwayira iminwe izina ryawe;
niho nzohimba nk’uwagaburiwe imisoso n’ibinure,
nzoguhaya mpimbarwe n’ukuguhoza mu kanwa.
Nkako, waje kuntabara:
nanje nakuvugirije impundu ndi mu mutamana wawe!
Umutima wanje wose uraguhurumbira,
ukuryo kwawe ni kwo kunshigikiye.
*IGISOMWA CA KABIRI*
*Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati (3, 26-29)*
Ko mwabatijwe muri Kristu, mwambaye Kristu
Ncuti zanje,
Mwese muri abana b’Imana kubera ukwemera mufise muri Kristu Yezu. Mwese, ko mwabatijwe muri Kristu, mwambaye Kristu; nta Muyuda canke Umugereki, nta mushumba canke uwidegemvya, nta mugabo canke umugore bakiriho, kuko mwese muri umwe muri Kristu Yezu. Nimwaba muri aba-Kristu, muri uruvyaro rwa Aburhamu, n’umuhango Imana yamwemereye nimwe mwawurazwe.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya
_Umukama yavuze ati: «Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje, kandi ndazizi na zo zikankurikira.»_
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (9, 18-24)*
_Petero yerekana ukwemera kwiwe_
*Umusi umwe, Yezu yariko arasengera ahiherereye, abigishwa biwe na bo bari kumwe. Araheza arababaza ati: «Mwumva abantu bavuga ngo ndi nde?» Baramwishura bati: «Bamwe bavuga ngo uri Yohani Batista, abandi ngo uri Eliya, abandi ngo uri umuhanuzi yazutse muri bamwe ba kera.» Yezu araheza arababaza ati: «Mweho, muvuga ngo ndi nde?» Petero, aba ari we avuga, yishura ati: «Uri Kristu w’Imana.» Araheza arabihanikiriza ashimitse ngo ntihagire uwo babibwira, ati: «Umwana w’umuntu abwirizwa kubabara menshi, agacibwa n’abakurambere, abaherezankuka bakuru n’abanditsi, akicwa, hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.» Hanyuma bose ababwira ati: «Uwushaka kungendanira niyihebe we nyene, yikorere umusaraba wiwe w’imisi yose, ankurikire. Nka ko, uwuzoshaka kurokora ubuzima bwiwe azobubura, na we uwuzobuheba kubwanje azoburokora.»*
