CHAPITRE 20. Verset 10″Kandi Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga ca ka umuriro n’amazuku »bisobanurwa ngo:Nk’uko abadayimoni biwe bazozimiza ingabo z’isi(séduiront les armées du monde)mu ntambara ya Haru-Magedoni,Satani azobazimiza(séduire)mu gutera mu kurwanya Kristo hamwe n’abantu biwe(Ivyah 16:13-14). « ….bazobabazwa ku murango no mw’ijoro ibihe bitazoshira »bisobanurwa ngo:Rāba Ivyah 14:11.Umubabaro utazoshira,ntakuruhuka,ntakoroherwa bizoba ari ibihe vya nyuma vy’ukubaho vya Satani, abamarayika bākorowe,hamwe n’abantu batacunguwe. Versets 11-15 « :Iy’imirongo(ces versets)yerekana amateka y’iherezo y’abatizera bose bo mu bihe vyose(Matayo 10:15;11:22,24;12:36,41-42;Luka 10:14;Yohana 12:48;Ivyak 17:31;24:25;Rom 2:5,16;Heb 9:27;2Pet 2:9;3:7;Yuda 6).Umwami wacu yerekanye ibi bihe nk’izuka ry’amateka(la résurrection de jugement)Yohana 5:29. Ay’amateka azoshika mu buryo bugoye kwikuramwo hagati y’iherezo rya kino gihe c’isi(Ivyah 20:11)hamwe no kurema ijuru rishasha n’isi nshasha(création d’un nouveau ciel et une nouvelle terre)Ivyah 21:1. Verset 11″Mbona intebe niniya yera »Isobanurwa ngo:Iyi izoba ari intebe y’amateka(un trône de jugement),ihagurutse(élevé),igororotse(pur),kandi yera(saint). Imana(Dieu)yicaye kur’iyo nk’Umucamanza(comme Juge)cf Ivyah 4:2-3,9;5:1,7,13;6:16;7 ,10,15)mu muntu w’Umwami Yesu Kristo.Rāba Ivyah 21:5-6;Yohana 5:22-29;Ivyak 17:31. Verset 12″Mbona abapfuye,abahambaye n’aboroshe,bahagaze imbere y’iyo ntebe »bisobanurwa ngo:Amateka.Ntabanyavyaha bazosigara babayeho mw’isi yabomowe kuko abanyavyaha bose bazokwicwa hama abizera bose bazoninahazwa(all believers glorified). « ….ibitabo birazingururwa »bisobanurwa ngo:Ibi bitabo(ces livres)vyandika iciyumviro cose(every thought),ijambo ryose(word),hamwe n’igikorwa cose c’abantu babi,vyose vyandikwa n’ububasha bw’Imana mu kumenya ikintu cose(rāba Dan 7:9-10).Bizotanga icemezo(the evidence) kubw’igihano c’urubanza kitazoshira,kitazohera(cf Ivyah 18:6-7). « …..igitabo c’ubugingo »gisobanurwa ngo:Kirimwo amazina y’abacunguwe(les rachetés)bose (Daniyeli 12:1;rāba Ivyah 3:5). « ….Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ivyo bitabo,zikwiranye n’ivyo bakoze »bisobanurwa ngo:Ivyiyumviro vyabo(leurs pensées: Luka 8:17;Rom 2:16),amajambo yabo(leurs paroles: Matayo 12:37),hamwe n’ibikorwa(leurs oeuvres:Matayo 16:27)bizogereranywa(seront comparées à)ku kugororoka kw’Imana,urugero rwo kwera(holy standard: Matayo 5:48; 1Pet 1:15-16) hama bazoboneka,bazokwisanga ko bananiwe(Rom 3:23).Ibi kandi birafata ko hazoba ingezo z’ibihano mu muriro(les degrés de punitions dans l’enfer)cf Matayo 10:14-15;11:22;Mariko 12:38-40;Luka 12:47-48;Heb 10:29. Verset 13″…..urupfu n’i kuzimu bigarukana abapfuye bo muri vyo »bisobanurwa ngo:Rāba Ivyah 1:18.Vyose vyerekana ibihe vy’urupfu.Abapfuye bose batagororotse,badatunganye bazoboneka,bazogaragara ku ntebe niniya yera y’amateka;nta numwe azokwihisha,azohunga.Ibi banza vyose(all the places)bifise,bafashe,birimwo imibiri(the bodies)y’abapfuye batagororotse,badatunganye bizoyirekura ari imibiri mishasha(new bodies)ikwiranye kubw’umuriro.📖