UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KUWA GATATU IGENEKEREZO RYA 22/06/2016. Bene Data , Bakundwa, Barundi mwese benewacu,turi n’iteka ntangere ryo kubibutsa ko kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 22/06/2016,dufise igikorwa, nkuko vyama bigenda, c’amasengesho yo kwisonzesha amasaha cumi n’abiri,kuva 6h z’igitondo gushika 18h z’umugoroba.
Ijambo ry’urufatiro ni Zaburi 105:14_15 : <Ntiyakundira umuntu n’umwe ko abazingirikira,mbere yahanye abami ababahora,ati ntimukore kubo narobanuje amavuta,ntimugire ico mugira abavugishwa nanje.>
Tuzosengera:
1. Ihanga ry’Imana aho riri hose, i dongozi z’ihanga ry’Imana zose, abadiyakoni bo mugikorwa c’Imana bose kugira ngo bazigamwe kandi barusheho guhishurirwa umugambi w’Imana.
2. Abari mu bibazo botandukanye,abapfunzwe n’imiyango yabo, abahunze,abagize intege nke mu rugendo, abugarijwe n’inzara n’ubukene tutibagiye abagwaye.
Tubaye turabashimira kukigoro mwama mugira mukwitangira igikorwa c’Imana,murakoze! Bigiriwe i Bujumbura,igenekerezo ABISEZERANO.
