Reka dusenge

*Reka dusenge ko twaramutse**_Data wa twese uvyagiye mw’ijuru nuninahazwe kubw urukundo nubuntu bwawe! Turagukengurukiye Data mwiza ko waturinze iri joro ryose none burakeye amahoro : nuhabwe impundu.Dawe mweranda uratwongey uwundi munsi kubuzima bwacu none turakwiyeretse uko tuza kwirigwa naho tugendera uze kubana natwe utuje imbere ntidutsitare ntitugwe!turagusavye ngo uduhe kwirigwa neza abafata ingendo ujane nabo n’abafise ibindi bibazo vyose ubabere igisubizo maze duhure kumugoroba tugushima ko uri lmana itwitayeho._*_

*_Tubisavye twizigiye lzina ryawe risumba vyose nuturonse ivyo tugusavye kandi urakoze ko uvyumvise tuzama_* *_tugushima,tubigusabishije Yesu Kristo Umwami n’Umukiza w’ubugingo bwacu._*

*Amen!*

Nzirubusa Moïse