Isengesho rya kano gatondo

Turagushima Mana yacu ko utugiriye neza mukutwongera umunsi mwiza wo kubaho tukaba tuvyutse tutishwe n’ivyago n’ivyaha none mwami tukweretse intambuko,imigambi, ibikorwa n’ivyifuzo vyacu kugira tuje kurongorwa nawe turakweretse abarwaye,abarwaje, ababuze,abapfunzwe bazira ubusa,ukudodoberezwa n’agatotizo bose ubabere ubarenganura tugusavye bike ariko uzi ibitubereye kandi vyotuma turushirizaho kukwizera kandi tuzi ki ubiduhera ubuntu n’imbabazi tubisavye mw’izina ry’uwatubamwiwe Yesu Christo Amen.