Umutumiro w’AMASENGESHO ya bose yo kuwa gatatu.

UMUTUMIRO W’AMASRNGESHO YO KUWA GATATATU LE29/06/2016.                Bene Data bakundwa b’Umwami wacu, Nk’uko Ijambo ry’Imana ridusaba gusenga ubudahumeka,ni muriyo ntumbero nyene twagomba kubatera akamo,tubibutsa ko ejo aho bukera tuzoba dufise igikorwa c’amasengesho,azomara amasaha cumi n’abiri,n’ukuvuga kuva isaha 6h z’igitondo gushika 18h z’umugoroba. Ijambo ry’urufatiro:Yeremiya 1:10,<Raba uyu musi ngushizeho kugira ubushobozi ku mahanga,no ku bihugu vy’abami,bwo kurandura no gusangangura,guhonya no gukomvomvora,bo n’ukwubaka no guteragira.>. Tuzosengera kandi Ihanga ry’Imana aho riri hose kw’isi,kugirango Uhoraho aryambike aryambike ubushobozi,Abadiyakoni n’abari mu bibazo bitandukanye:abapfunzwe,abangajwe,imiryango yabo,abarwaye n’abasubiyinyuma.         

Tubaye turabashimira ku kigoro kanyu,ni hahangame IMANA, UBURUNDI,n’ABISEZERANO!

Bigiriwe i Bujumbura,Le 28/06/2016,ABISEZERANO.

http://www.abisezerano.com