Igisomwa co kuwa kane/ Ekleziya Katolika

Indwi ya 13 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)  IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amosi (7, 10-17)

Muri irya misi, umuherezankuka w’i Beteli yitwa Amatsiya yatumye kubwira Yerobowamu, umwami w’Israyeli ati: «Amosi ariko aratera umudugararo mu nzu y’Israyeli; igihugu nticoshobora gukunda amajambo yiwe uko angana. Nkako, ng’aya ayo Amosi yama avuga, ngo: Yerobowamu azokwicwa n’inkota, Abanyisrayeli na bo bazotwarwako imbohe mu ntara ya kure.»

Amatsiya yongera kubwira umuhanuzi Amosi ati: «Ewe Rumenyi, hogi tuvireho, genda uhungire mu ntara ya Yuda, abe ari ho urira utwawe, kandi ube ari ho wikorera umwuga wo guhanura. Ariko ntusubire kuragurira ngaha i Beteli, kuko ari mu cibare c’umwami, hari ikigabiro ciwe.»

Maze, Amosi yishura Amatsiya ati: «Sinari nsanzwe ndi umuhanuzi, kandi na data si we, nahora ndi umwungere, nkaja nditerera ibiti. Umukama ni we yankuye inyuma y’ibitungwa, ambarira ati: Genda, uzobe umuhanuzi w’igihugu canje Israyeli. Ni uko rero, nawe nyene, gira wumve ijambo ry’Umukama, ko uvuze ngo: Reka guhanura Israyeli, reka kuburira amahano inzu ya Izahaki. Ng’iri rero irivuzwe n’Umukama: Umugore wawe azoshurashura izuba ryaka, abahungu bawe n’abakobwa bawe bazokwicwa n’inkota, itongo ryawe rizogabuzwa umugozi, nawe nyene uzogwa mu gihugu cahumanye, Abanyisrayeli na bo bazotwarwako imbohe mu ntara ya kure.»

IZABURI (18 (19) 8, 9, 10

Icit. : Umukama ashinga intahe y’ukuri, 

           intahe yama itunganye.

Amategeko y’Umukama aratunganye,

ahembura umutima;

amabwirizwa y’Umukama ni ay’ukuri,

ni yo bwenge bw’abantu batobato.

Amategeko y’Umukama aragororotse,

ni akezamutima;

amabwirizwa y’Umukama arasobanutse,

ni yo muco w’umutima.

Ukwubaha Umukama ni akaroruhore,

ntikuzokwigera guhera n’intete;

intahe yama itunganye.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Ijambo ryawe, Mukama, riramboneshereza mu 

rugendo rwanje, ni ryo rumuri rw’inzira yanje.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (9, 1-8)

Yezu yagiye mu bwato, arajabuka arora mu gisagara c’iwabo. Baraheza bamuzanira ikimuga kiryamye mu nderuzo. Yezu ngo abone ukwemera kwabo, abarira nya kimuga ati: «Niwizigire mwananje, urarekuriwe ibicumuro vyawe.»

Abigisha bamwe rero bavuga bati: «Uyu ariko aratuka Imana.» Yezu ngo abone ivyo biyumvira, arababwira ati: «Mbega, ikibatumye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu ni iki? Ukuvuga uti: Ibicumuro vyawe biragiriwe ikigongwe, canke ukugira uti: Haguruka ugende, ikiruhije gusumba ikindi ni ikihe? Kugira ngo mumenye ko Umwana w’umuntu afise ububasha bw’ukurekura ibicumuro kw’isi—abwira rero nya kimuga ati: Va hasi, wikorere inderuzo yawe witahire.» Nya kimuga kirahaguruka kiritahira. Ishengero ngo ribibone, rigwa mu gahundwe, rica rininahaza Imana yo yahaye abantu ubukuru bungana butyo.