Barundi, barundikazi, hanga ry’Abisezerano; nagomba twibukanye ko Imana ikunda Uburundi n’abarundi. Ni na co gituma yirahiye ko igiye guhindura igihugu cacu isôko isi yose izovomako ivyo impwemu (ivyo agakiza) mu gihe c’ikanguro tugiye kwinjiramwo, hamwe no kugiha ubutunzi bugaragara (buboneka/bufaduka). Ivyo rero si umugani. Imana ivuga iti: ”ndinda ijambo ryanje kugira ngo ndarishitse” (Yeremiya 1:12).Ntawirengagije ko iryo sezerano turimaranye imyaka myinshi (imyaka irenga mirongwine). Ariko kandi ntitwiyobagize ko Kalebu yasezeraniwe isezerano ryo guhabwa igihugu ca Heburoni (Guharura 14:24) ariko yagiye kugishikira inyuma y’imyaka mirongwine n’itanu, inyuma y’urugamba yagiye agwana ari kumwe n’abisirayeri babohoza amasezerano yabo mu kurwanya abari mu matongo yo mu gihugu Imana yari yarabasezeraniye. Kandi vyabaye ngombwa ko Kalebu yishuza isezerano ryiwe (Yosuwa 14:6-13). Natwe abarundi, twomenya ko kubohoza amasezerano yacu ari uburenganzira.
Mu vyagiye bituma duteba gushikira amasezerano Imana yasezeraniye Uburundi n’abarundi, ni indwara y’amacakubiri n;inda ndende vyagiye vyibonekeza kuva mu myaka ya 1965 gushika n’uyu munsi, bituma abarundi bamwe bakumira abandi kugeza n’aho abafise inguvu (ubutegetsi) biyemeza kwica, guturubika no kwangaza, gusahura no guhonyanga uburenganzira bw’abo bibaza ko ari abansi babo (batiyumvira co kimwe nab o). Ivyo vyose bikaba bituruka ku bujuju, aho bahenzwe ngo hari abarundi b’abasangwabutaka bahiga inyamanswa kugira babeho, abaje ari abarimyi barondera aho kurima, hamwe ngo n’abaje ari aborozi bironderera aho kurangira amasho yabo. Igitangaje n’ingene abo bantu bivugwa ko badasangiye iyo bavuye vyashitse bagahuza ururimi rumwe rudende (ikirundi) ari abakeba, kandi bagashima kurwanira mu gihugu gito nk’Uburundi mu gihe ibihugu bibanyi nka Tanzaniya, Ubuganda na Kenya vyagutse (bifise aho kurima, aho kuragira hanini hamwe n’amashamba manini yo gihigamwo). Iyo ngendo yatumye havyuka ishavu muri bamwe n’abandi bituma buri muntu ashaka kwigwanako kugira aharanire agateka kiwe mu kwanka kwicwa nk’akanyegeri; bituma imivurungano iba mu gihugu gushika n’ubu.
Abisezerano ico tuzi kandi twemera n’uko abarundi twese twaremwe mw’ishusho y’Imana, mu butatu bwayo :Imana Data wa twese, Imana Mwana, Imana Mpwemu Yera (Itanguriro 1:26 havuga ngo: “Imana iravuga, iti Tureme umuntu mw’ishusho yacu ase natwe”).
Ico twagiye tubona mu gihugu cacu, n’uko abagirizwa amabi yatumye adindiza isezerano ryacu batigeze bahanwa, ahubwo bagiye bakingiranira ikibaba haba mu masezerano, haba mu tundi twigoro twagiye tugirwa mu ntumbero yo gukura igihugu mu buja. Nibo bagiye bagabangana ibibanza mu butegetsi, ndetse baranasamaza abatari bake: emama ngo urwaruka ruronswe ibibanza kanaka, abagore ibibanza kanaka, … mu butegetsi.
Mu vyukuri umuntu azogira akamaro ku gihugu, nta vyo amagaburanyama birinda gukorwa kugira ngo ahabwe amabanga. Ubugwaneza bwiwe Imana irabushingira intahe, ikamwemeza n’abatari bamuzi, ndetse n’abamwibaza uko atari canke abamukengera. Uwogira ibihari yibuke Rusi, umugore w’umupfakazi w’umunyamowabukazi, ihanga ryari rizwi nk’abanyavyaha imbere y’ihanga rya Isirayeri; yakwirikiye Nawomi wo mu bwoko bw’isezerano n’Imana y’Abisezerano (Rusi 1:15-16); uyu munsi uyo Rusi ari muri ba inakuruza ba Yesu Kristo (Matayo 1:5-16)
Na Dawidi, umwana w’umuhererezi mu muryango w’abana umunani yirigwa mw’ishamba aragiye intungwa, asuzuguritse mu muryango, yashingiwe intahe n’Imana ko ari uwo akamaro kw’ihanga ry’Imana (Isirayeli) gusumba mukuruwe Eliyabu yarafise ishusho nziza n’igihagararo.
Muri make, amagaburanyama afatiye ku gupfukapfuka no guhishira umunyakibi hamwe no gusamaza abantu vyagiye vyibonekeza mu gihugu cacu, harageze ko birangira. Ivyo bigashoboka ari uko umurundi wese aho ari hose, yokwama yibuka ico Imana yavuze ku Burundi, agaterera mu masengesho (uburyo bw’impwemu) no mu buryo bufadika, mu ntumbero yo gushigikira urugamba rwo kubohoza amasezerano yacu yanigiwe mu menshi na ba nsumirinda, ba mpemukendamuke, ba ntirumveko, …
Menya Neza
Uburundi ni ubwo abarundi twese, vyumvikana ko amasezerano y’Imana ku Burundi ari ayacu twese. Dufatane mu nda twese tuyaboze. Dufate nkama ko ivyiza vyo mu gihugu cacu mu gihe c’ikanguro, bizoribwa n’abiyuhagiye, ivyaha vyabo bigaharirwa; ikigeretseko bategerezwa kuzoba ari abantu bumvira Imana.
“Ni mwiyuhagire, mwitunganye, mukùreh’ibibi vyo mu bikorwa vyanyu bive mu nyonga zanje; mureke gukora ibibi, mwige gukora neza; … Ni mwemera mukumvira, muzorya ivyiza vyo mu gihugu. Naho nimwanka mukagarariza, inkota izobarya: kukw’akanwa kanje Uhoraho ariko kabivuze” (Yesaya 1:16-20).
SHALOM!
