Tubwirane amazaburi nkuko Imana Yacu ibifutegeka

Bene Data,shalom!Nagomba ko dusangira amajambo y’Imana dusanga muri zaburi 20:1_5, »Uhoraho akwishure ku musi w’amagorwa, 2.ikurungikire ugutabarwa kuva ahera h’urusengero, iguhe inkomezi ziva i Siyoni. 3.Yibuke amashikanwa yawe yose,yakire ikimazi cawe coshejwe. 4.Iguhe ic’umutima wawe wipfuza,Ishitse inama zawe zose. 5.Tuzovugishwa impundu n’agakiza kawe, kandi kubw’Izina ry’Imana yacu tuzokwerekana amabendera yacu. Uhoraho ashitse ivy’usaba vyose.amen. Twagomba dushimire Imana kubwaya majambo y’intsinzi,yavuzwe n’umukozi w’Imana Umwami Dawidi bibonekako yari mu bihe bigoye cane,ariko kandi bigaragarako yari yiteze ugutabarwa kurimwo ugushirwa hejuru,inkomezi,ukwakirigwa ikimazi(isengesho),yari yiteze kandi kuvuza impundu no kwerekana amabendera,n’inyishu ku Masengesho yiwe yose!nawe mukundwa dusangiye aya majambo,uyu musi,kubw’ibihe Uburundi n’abarundi n’ishengero rya Kristo turimwo,reka tube muraya majambo,naho bimeze uko ubibona,nagomba nguhumurize ko kubw’amasezerano y’Imana izira kubesha,ibihe vyo gusesekaza impundu,biriko biratwegera,kandi tugiye kwerekana amabendera yacu imbere y’abadusuzuguye,amen.