Tubwirane amazaburi nkuko Umwami wacu yabitubariye

Shalom,ndasubiye kubaha ikaze twongere dusangire amajambo y’Imana dusanga muri zaburi8:4-9;Umuntu n’iki ah’umwibuka,cank’umwana w’umuntu ah’umugendera? 5.Hari hasigaye gato ukamunganya n’Imana,umwambika ubwiza n’icubahiro nk’igitsibo. 6.Wamuhaye kuganza ibikorwa vy’amaboko yawe,wamuhaye gutwara ibintu vyose,ubishira musi y’ibirenge vyiwe: 7.Intama zose n’inka,n’ibikoko vyo mw’ishamba navyo, 8.N’ibiguruka mukirere,n’ifi zo mu kiyaga,n’ikintu cose gica munzira zo mu biyaga. 9.Uhoraho Mana yacu,erega izina ryawe ni ryiza mw’isi yose.amen. Ncuti ugiriwe ubuntu tugasangira aya majambo,naho warusanewe ubizi,nagira nkwibutse ubuntu butangaje Ikiremwa muntu twagiriwe nk’uko umusavyi w’Imana Dawidi yariko arabivuga muriyi ndirimbo yiwe yo kuninahaza Imana.Twiyumviriye uburyo Imana yadutey’iteka,raba nawe uko uri,uko usa,uko ubayeho,aho ubaye,aho wavuye n’aho uri uyu musi,ntiwibagire naho wipfuza gushika,usanga mu vy’ukuri atari ubuhizi bwawe,ariko kuba uri ico uri uyu musi,n’ubuntu budasanzwe wagiriwe n’Imana,niyo mpamvu ukwiye kwatura amashimwe uko biri kwose.Mu vyaranze umukozi w’Imana Dawidi,harimwo,;1;Ukwitahura,2;Uguca bugufi,3;Ukwitanga,4;Guhimbaza Imana no gusenga haba mu bihe vy’amahoro canke muntambara.Ndakwipfurije ko wokwama watura amashimwe muri vyose,umenyeko satani azogutinya cane niyagusangana amashimwe muri vyose,Umwami Imana Ikumpere Umugisha murakoze.www.Abisezerano.com