UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KUWA GATATU,IGENEKEREZO RYA 06/07/2016. Bene Data mwagiriwe ubuntu n’Umwami wacuYesu Kristo mugatahura ibanga ryo gusenga,Shalom! Muri ya ntumbero yo gusenga twisengera dusengera n’Igihugu cacu n’Amasezerano y’Imana ngo ashike,twagomba kubibutsa ko ejo aho bukera kw’igenekerezo rya 06/07/2016,tuzoduga umusozi amasaha cumi n’abiri kuva 6h z’igitondo,gushika18h, z’umugoroba. Urufatiro;Malaki 3:16-18<Nukw abubaha Uhoraho baraganira;Uhoraho atega amatwi arumviriza;maz’igitabo candikirwa jm yiwe cicibutso c’abubaha Uhoraho bakiyumvira izina ryiwe.17;Uku nik’Uhoraho nyen’ingabo agize,ati bazob’abanje k’umusi nzoshinga;babe abo noharije ubwanje;kandi nzobagirira ikigongwe nk’uk’umuntu akigirira umwana wiwe amukorera.Aho niho muzosubira kumenya yuko har’itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi,ry’ukorera Imana n’utayikorera.amen>. Imitwaro:
1,Ukwisabira ikigongwe
2;gusengera Igihugu cacu n’ihanga ry’Imana,
3;Gusengera integuro n’ibikorwa vyose vy’abakozi b’Imana,
4;tuzosengera abari mu bibazo,abapfunzwe,abahunze,abasubiyinyuma,imiryango yacu,n’abarwaye.
Tukaba tubaye turabashimira ukwitanga kwanyu,dusabwe kandi guhanahana ivy’Imana Itubwira,murakoze. Bigiriwe i Bujumbura kuwa 05/07/2016.www.abisezerano.com