WARI UZI KO?1. Ikintu ciza kuruta ibindi:
-URUKUNDO
2. Ikirusha ibindi koroha:
-KWIBESHA
3. Igikenewe kuruta ibindi:
-IVYIPFUZO VYIZA.
4. Impano iruta izindi:
-KUBABARIRA
5. Igihombo kiruta ibindi:
-GUCIKA INTEGE
6. Ikibesha kuruta ibindi:
– UMUTIMA
– IFARANGA
7. Ikinezereza IMANA:
-GUHINDUKA K’UMUNYAVYAHA.
8. Icubaka kandi kigasambura:
-URURIMI
9. Igifasha umuntu mu buzima
– GUKUNDA UMURIMO
10. Inenge iruta izindi:
-GUHEMUKA
11. Ikizana icubahiro:
– GUCA BUGUFI
12. Igihenze: – IGIHE
13. Igiteye agahinda:
– GUSABA UWO WIMYE
14. Icifuzo kiruta ibindi: -AMAHORO
15. Ikintu kitigera kandi gihuruza abantu benshi kuruta ibindi :
– URUPFU
16. Amayobera aruta ayandi:
-KUMENYA ICO MUGENZI WAWE YIYUNVIRA
17. Intumbero canke Intego nziza iruta izindi: – GUHINDUKA
18. Urupfu rubi:
– UVYIPFUZO BIBI
19. Indwara iruta izindi: – UBUJUJU
20. Intsinzi iruta izindi:
– KWIHANGANA
21. Ingeso mbi kuruta izindi:
-KWIYANDARIKA
22. Igisukana kuruta ibindi:
-AMASO
23. Impanuka ikomeye kuruta izindi:
-GUPFIRA MU VYAHA
24. Intego ikomeye kuruta izindi:
– KUGIRA GAHUNDA
25. Inyamaswa mbi kuruta izindi:
-UMUNTU
26. Abansi b’umuntu:
– Umubiri
– Isi
– satani
27. Ibanga ryo gukundwa:
-GUKUNDA
28. Ikintu umuntu abika kitagira akamaro:
-INZIGO