_*INDWI YA 15 YO MU MWAKA: Ku wa gatatu (années impaires)*_*IGISOMWA CA MBERE *
*Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (10, 5-7.13-16)*
Ng’iri iriyazwe n’Umukama: Arahumiwe Umunyashuri, we nkoni y’ishavu ryanje, we buhiri uburatsi bwanje bukoresha! Namutumye gutera igihugu cambaye ibara, ngo atere igihugu canteye ishavu; kugira ngo agisahure, atware ibinyagano vyaco, agikandagire nk’ivyondo vyo mu nzira. Ariko we, si vyo yiyumvira, si uko umutima wiwe ubitegera; ivyo ashaka, ni ugutikiza gusa, no kumara ibihugu bitari bike. None rero, yamye avuga ati: «Ivyo nakoze nabikoze ku bw’ubukomezi bwanje, no ku bw’ubwenge bwanje, kuko ndi umuhinga! Nasubije inyuma imbibe z’ibihugu, nasahuye amatungo yavyo, natembagaje abakuru bavyo. Nk’uko bafata inyoni mu cari cayo, ni ko ukuboko kwanje kwatwaye amatungo y’ibihugu; nk’uko batoragura amagi asigaye ni ko natoraguye ibihugu vyo kw’isi yose. Nta wakakaje n’ibaba, nta wajwigiriye.» None, ikibêzi cokwirata ku wugisatuza, canke umusumeno wokwihayagiza ku wuwukoresha? None, inkoni yozungagiza ikiganza kiyivyura, canke ubuhiri bwogenza ukuboko kubufata? Ni co gituma Umukama Nyeningabo azotikiza za ntwari; ubuninahazwa bwiwe buzodomeka umuriro ushaka guturira vyose.
*IZABURI 93 (94) 5-6, 7-8, 9-10, 14-15*
*Icit.: Umukama ntiyibagira intara yiwe.*
Baravuruga intara yawe, Mukama,
iragi ryawe na ryo bakarihahaza;
bica umupfakazi n’akavantara,
bakaniga n’impfuvyi.
Hanyuma bakavuga ngo: «Umukama ntabibona,
Imana ya Yakobo ntibinezwe.»
Hora mugavye, bijuri mu bijuri,
mbega biburabwenge muzomenya ubwenge ryari?
Uwaremye ugutwi kw’umuntu ni we atokwumva?
Uwaremye ijisho ni we atobona?
Uhora akankamira intara ni we atohana,
we yigisha umuntu ubumenyi?
Erega, Umukama ntiyibagira intara yiwe,
ntagisha iragi ryiwe.None rero, urubanza niruje iyo rwaramutse,
abantu bose b’intungane baheze barukurikire.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi, kuko wamenyesheje abatobato ibitangaza vy’Ubwami bwawe._
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 25-27)*
*Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati: «Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, ndagushemeza kuko wahishije ivyo bintu abanyabwenge n’abahinga, ukabimenyesha ibitazi. Ni ko Dawe, kuko ari ko wabishatse. Dawe yarampaye bintu vyose kandi nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi nta wumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana azoba yamumenyesheje.»*