Umutumiro wamasengesho yo kuwa gatatu.

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KUWA 13/07/2016. Bene Data bakundwa shalom!Nkuko twama twibukanya umutumiro twahawe wo gusengera Ihanga rwera ry’Imana, twagira tubibutseko ejo aho bukera tuzoba dufise amasengesho azomara amasaha cumi n’abiri, kuva isaha 12 (6h) z’igitondo gushika 12 (18h)z’umugoroba.I

Ijambo ry’urufatiro ni :Abifilipi 4:6<Ntimugir’ico mwiganyira,ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana,mu gusenga,mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.> Imitwaro:

1.Gusengera igihugu cacu c’Uburundi kugira ngo Imana ishitse Isezerano ryayo kandi itabare abarundi bari mumaganya n’amarira.

2. Kwinginga Imana ngo igirire neza uburongozi bw’ihanga ryayo, yongere inkomezi abakozi bayo bose aho bava bakagera bari mugihugu c’Uburundi.

3.Gusengera abapfunzwe, abangajwe, imiryango ningo zose ziri mubibazo, abagwaye n’impfuvyi n’abapfakazi. Turangije tubashimira. Imana izobashoboze muri ivyo bikorwa murakoze cane. Bigiriw i Bujumbura,le 12/07/2016.Abisezerano. http://www.abisezerano.com