Umusecretaire muri EALA ico avuga kuri Mossi yagandaguwe ce matin:Ndababajwe cane rwose n’urupfu rwa Hon. Hafsa Mossi; Ndabuze Umukoresha mwiza, » Intore ntiramba ».
Hari ibintu ntazopfa nibagiye kuri we:
1. Umusi umwe yabonye umukozi wo ku kazi yakomeretse ku rutoke, bukeye yaje ku kazi amuzaniye imiti y’uruguma.
2. Umunyezamu yagiye kumusaba « Attestation de service » kugira aje gusaba ingurane y’ibihumbi ijana (100,000FBu) muri COOPEC, Hon. Hafsa yaciye amwishura ati: « Oya ntiwoja gusaba ingurane ya 100,000, reka mbwire abo dukorana kugira tuyaguterere », muri ako kanya nyene yaciye aha uwo munyezamu 110,000FBu.
3. Yari umutegetsi akomeye, ariko ntaco yiyagiriza mu mutima wiwe, kuko sinigeze ndamubona atonze ku kazi afise abapolisi.
4. Yari afise umutima uciye bugufi, nibuka ukuntu ntatinya kumwandikira SMS canke kuri whatsap, kandi yanyishura mu bugwaneza.
5. Yari umukoresha mwiza cane, yumviriza, c w’umurwaneza, afise impuhwe n’urukundo birenze. Benshi muribuka amarira yarize mu mwaka uheze igihe yaja kuraba ubuzima bubi impunzi z’abarundi ziri mu Rwanda zibayemwo.
Namuheruka vendredi le 2 Juillet ariko ansinyira « congé de 3 semaines » na « Lettre de Recommandation » mu bugwaneza ntangere.
