Igisomwa ca Ekleziya Katolika.

_*Indwi ya 15 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années paires)*_
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (38, 1-6.21-22.7-8)*
Muri irya misi, umwami Ezekiyasi yararwaye vyo gupfa. Umuhanuzi Izaya, mwene Amosi, aja iwe amubwira ati: «Ng’iri iriyazwe n’Umukama: Raga, kuko ugira ngo upfe ntuzokira.» Ezekiyasi yerekeza amaso ku ruhome, asaba Umukama ati: «Ewe Mukama, zirikana wibuke ko nagukoreye nkuyobokera n’umutima nyawo, ko nakoze ivyiza mu maso yawe.» Ezekiyasi araheza araduka arabogoza.

Noneho, Umukama asubira kubwira Izaya ati: «Genda ubwire Ezekiyasi uti: Ng’iri iriyazwe n’Umukama, Imana ya so wawe Dawudi: Nakwumvise aho wansaba, nabonye amosozi yawe; none nzokwongereza ku gitigiri c’imisi yawe imyaka cumi n’itanu. Nzogukiza ngukure mu minwe y’umwami wa Ashuri, wewe n’iki gisagara nyene; iki gisagara na co nzokizigama.» Araheza Izaya avuga ati: «Nibazane intore ibumbabumbwe mu matenahi, bayomeke ku kivyimba, ni ho azokira.»

Na we Ezekiyasi amubaza ati: «Ikizomenyesha yuko nzoshobora gusubira mu ngoro y’Umukama ni ikihe kimenyetso?» Izaya aramwishura ati: «Ng’iki ikimenyetso Umukama aguhaye kimenyesha yuko azorangura ico yakwemereye: ca gitutu nicagera ku ntambuko z’urugero rwashinzwe na Akazi ngo cerekane amasaha, nzogisubizayo intambuko icumi.» Izuba rero rigaruke intambuko cumi riva aho ryari rigeze kuri za ntambuko.
*IZABURI: Izaya 38, 10-11, 12 abcd, 16*
*Icit: Mana yanje, warankirije ubuzima bwanje.*
Navuze nti: Ndakenyutse,

ngiye kurenguka mu marembo yo mu kuzimu,

ni yo nzomara imisi yanje yari isigaye.
Navuze nti: Sinzosubira kubona Umukama,

kuri iyi si y’abazima;

sinzosubira kubona umuntu n’umwe

wo mu baba kuri iyi si.
Nsigaye mu karere,

abo twari kumwe basambuwe bwa mararo;

ubuzima bwanje bwashanyutse nk’ikijishwa,

barangabanirije imisi yo kubaho.
Mukama, ico umutima wanje ugusaba,

ni ubuzima bw’umushaha wanje;

uzonkiza, uzombeshaho, ehe raba

amagorwa yanje azocika ubuhirwe.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame, ndayarangure n’umutima wanje wose._
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (12, 1-8)*
*Muri irya misi, Yezu aca mu mirima y’ingano ku musi w’isabato. Abigishwa biwe bashonje bamyoza uduhundo tw’ingano, bagirako baraturya. Abafarizayo ngo babibone, baramubwira bati: «Abigishwa bawe bagira ikizira ku musi w’isabato!» Na we arababwira ati: «Ntimwasomye ico Dawudi yagize aho yasonza be n’abo bari kumwe, ingene yinjiye mu ngoro y’Imana akarya imikate y’imperezwa carazira ko barya, nta we nta n’abo barikumwe kiretse abaherezankuka gusa? Canke ntimwasomye mu Gitabu c’Amategeko ko abasherezankuka bakora ikizira kw’isabato ariko ntibacumure? Nanje ndababwiye ko ngaha hari uwuruta Igisengero. Iyo muba mwategereye ico bivuga: Sinshaka inkuka mugabo imbabazi, ntimwociriye rubi izo ntungane. Na none, Umwana w umuntu aragaba n’isabato.»*