Tubwirane amazaburi

DUSANGIRE TWONGERE DUHANEHANE AMAZABURI. Turabire hamwe amajambo dusanga muri zaburi 118:4-8,Abubaha Uhoraho ni bavuge bat’imbabazi ziwe zamah’ibihe bidashira. 5,Hamwe nari mu mubabaro,nambaje Uhoraho;Uhoraho aranyitaba anshira ahantu hagutse. 6,Uhoraho aribmu ruhande rwanje sinzotinya;Non’umuntu yoshobora kungir’iki? 7,Uhoraho ari mu ruhande rwanje,arantabara;Nico gituma nzokwibonera abanyanka. 8,Kugira Uhoraho ubuhungiro biri n’ikimazi;Kuruta kwizigira abantu.amen. Aya majambo Dawidi yayakoresheje mukwerekana imbabazi z’Imana,ugutabara kwayo,yongera kandi no kwibuka ibihe vy’imibabaro yaciyemwo,yibuka kandi ko abantu ataribo bamutabaye,ariko yatabawe n’ukuboko kw’inkomezi kw’Imana.nawe ncuti mukundwa w’Umwami wacu Yesu Kristo,urahamagariwe kwama wibuka imbabazi z’Imana yama yakugiriye zitarangira,wibuke kandi ko yama igutabara mu mibabaro,mbere wame uyigira ubuhungiro,kuko bizokurutira kwizigira abantu.Imana ibahezagire,ibane namwe mu maja no mu maza,murakoze cane.

http://www.Abisezerano.com