_*Indwi ya 15 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années paires)*_
*IGISOMWA CA MBERE *
*Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Mishe(1, 1-5)*
Barahumiwe abiyumvira gukora nabi, abarara bararondera ingene bazobirangura. Izuba riraseruka, baca babirangura, kuko bibashobokeye. Baripfuza amatongo y’abandi, bakayanyaga; baripfuza amazu yabo, bakayatwara. Baragobera umuntu n’inzu yiwe, baragobera umuntu n’itongo ryiwe. Ni co gituma Umukama avuga ati: «Ndiko ndiyumvira gutera ubwo bwoko, ntimushobore kugobotora amazosi; ntimusubire kugenda muraritse agatwe, kuko urya musi uzoba umusi w’amarushwa. Kuri urya musi, muzoba iciro ry’umugani, muzocura intimba, muvuge muti: “Turageseye, nta co tukigira; iragi ry’igihugu canje barihaye abandi! Hambewe, bararidutwaye; amatongo yacu bayagabanganije abanyazi!” Ni co gituma hatazogira n’umwe azoseruka ngo abasubize umutagi mw’ikoraniro ry’Umukama.»
*IZABURI 9B (10) 1-2, 3-4, 7-8, 14*
*Icit.: Ntiwibagire, Mukama, umurushwa atakamba.*
Ni kuki, ga Mukama, uguma kure
kandi ukinyegeza ngeramiwe?
Umurushwa yicwa n’akagama k’ababisha,
akagwa mu mutego bamuteze.
Umubisha ahoza ku mutima ico ashaka,
nyeninda ndende na we agahorera kuvuma Umukama ati:
«Nta gihano Umukama atanga! Ntazokwigera andondera.
Na kare, Imana ntayiriho.» Ico ni co ciyumviro ciwe.
Ahorera kurahira nabi, kubesha n’ukuvuma;
akanwa kiwe kavamwo ibibi n’ibinyoma.
Yama yikinze ibisaka,
ngo yihe inkumbi yice umuntu ata co bapfa.
Weho aho uri aho urazi abaganya n’abarira,
urabaraba ukabazigama mu minwe yawe:
imurushwa arakwitura,
impfuvyi ukayigarukira.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Uyu musi, ntimugire agatimatare, nimwumvirize riho ijwi ry’Umukama._
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (12, 14-21)*
*Yezu amaze gukiza umuntu ku musi w’isabato, Abafarizayo basohotse baja inama y’ukumwica. Yezu abimenye, aca ava hano. Benshi baramukurikira, arabakiza bose; arabihaniza ashimitse ngo ntibabivuge. Kwari untazozimya iryavuzwe n’umuhanuzi Izaya ritahe: «Ng’uyu umwananje natonesheje, umukunzi wanje ahimbara umutima wanje; nzomuha ubwenge bwanje, azocira urubanza ibihugu. Ntazoharira, ntazohogora, nta wuzokwumva ijwi ryiwe mu rwinshi. Ntazohohosha umubingo wavunitse, ntazozimya urubeya rucaka, gushika aho azotsindira intahe; n’ibihugu bizokwizera izina ryiwe. »*