Indemeshanyo yawe

Shalom Shalom!Inkuru nziza kuri uno musi!

 Indemesho muri kino gitondo kuri mwese mubabaye,kuri mwebwe mupfunzwe,kuri mwe muri mubuhungiro,kuri mwese satani yagize imbohe, kuri mwebwe muri mu mwiheburo,kuri mwebwe mpfuvyi namwe bapfakazi n’impahazwa mwese.

Amahoro abe kuri mwese! 

Abacamanza 6:23-24.

Turasoma mw’izina rya Yesu Kristo.

« 23.Ariko Uhoraho aramubwira <<Gira Amahoro! Ntutinye kuko utagiye gupfa>>

24. Nuko Gidiyoni yubakira Uhoraho icosherezo aho hantu kandi ahita ngo « Uhoraho ni Amahoro. Na nubu kiracahari i ofrahi mubany’ibezereti. »

Muri kino gitondo nagira nkubwire ko hari inkengerwa yo mumuryango wa Manasse mubw’lsraeli yari ibabajwe can’agatotezo n’agahahazo k’amamidiyani ,abamaleki n’ubundi bwoko bwari mubakikije; ngo baraza iyo abanyisraeli bejeje bagacumbika mumirima yabo,bakarya bagasahura ndetse ntibasigaze n’ikirazira ,yaba ihene,indogoba eka igihumeka cose c’igitungano(6:15).Israeli ikaririra Uhoraho ngo abatabare kuko bari bishwe n’ubukene n’ubworo bwose batewe n’abamidiyani(6:6) .maze ahitamwo kuja kwinyegeza mubitandara vy’amabuye ,musi y’ibiti vya owaki agasekurirayo ingano ngo abamidiyani nibatera batamutwara utwokurya. Uwo nawe yitwa Gidiyoni. Abacamanza 6:11-12.

Igihe kiragera Umumarayika w’Uhoraho amanukanwa no (1) kuremesha (2) kwambika imbaraga umugabo yitwa Gidiyoni ngo abariwe arokora ubwoko bw’lmana.

(6:12″ lgihe umumarayika w’Uhoraho yabonekera Gidiyoni yaramubariye ati » Uhoraho arikumwe nawe wa munyenkomezi we. » Halleluya!)

Naho uri muri ivyo ubona biguteye umujinya,warangajwe canke umuryango waguhezeko uriwenyene munkambi,urimpfuvyi,urarushe n’ubuzima bubi ,etc nagira nkubwire ngo Uhoraho arakubwiye ngo ndikumwe nawe wa munyenkomezi we. Uhoraho yakugize umunyenkomezi ngo ushike aho nyene uri muri izo ngorane hama akwambike ubushobozi bwo kunesha kumusi azogutembererako. 

Ushobora kubaza nka Gidiyo (6:13) ati niba Uhoraho arikumwe nanje nikuki ibi vyose binshikira,nikuki ngowe,nikuki nabuze abavyeyi kare,nikuki napfakaye,nikuki nangajwe,nikuki mba mugahinga,nikuki wampevye wa Mana we… Ukabivuga urira wibaza mumutima ejo hawe ,ukavuga uti numvise basokuruza bavuga ko wabakoreye ibi nabiriya none se Urihehe? 

Imana irakubwiye kuri uno musi ngo  » Haguruka ,genda n’inkomezi kandi urokore israeli muntoke z’abamidiyani,urokore Uburundi n’abarundi,urokore buri gihumeka cose muri Afrika,mw’isi yose ,ubakize agahahazo ka satani. Nije ndakurungitse ,Halleluya. »

Nuko rero haguruka,garukana ukwizera,lmana yacu ntihinduka uko yari ejo niko iri n’uno musi. Niyo yakoresheje ibitangaza Gidiyoni inkengerwa umuhererezi munzu kwa se,niyo nawe ikubwiye ngo ivy’urimwo si ivyo kukwica,wibuke hari benshi batashoboye no gushika ahuri,ego uragiwe ariko ejo buzoca kandi niwewe nyene lmana igire ikoreshe mukumaramaza satani yatumye ivyo vyago vyose kumuryango wawe,kubuzima bwawe no kugihugu cawe. 

Ndavuze mw’izina rya Yesu Kristo ngo niwewe munyenkomezi,niwewe 

ngabo lmana yatoranije mugihe nk’iki. Haguruka ,senga isonzeshe ,saba inkomezi kandi urazihabwa. Tangura urwane n’impwemu mbi zikubwira ngo ntuzoshobora,ngo uri mugihugu c’abandi,ngo uri impfuvyi ntacufise. Zibwire ngo ndi umunyenkomezi nahawe ububasha mw’izina rya Yesu Kristo.

Abakiboshwe na satani ,abakiri muvyaha niwewe ugiye kubabohoza,abakiri mubwibone ,abakiri mubwicanyi niwewe ugiye kubabohoza mw’izina rya Yesu. Imana irakubwiye ngo Gira amahoro,ibi sivyo kukwica namba ahubwo vyarivyo kugukomeza ngo uzubashe gutabara beneso. 

Dusenge: Data mw’izina rya Yesu Kristo ndasengeye n’ubushobozi uwo wese agiye gusoma iri jalbo ngo abe umunyenkomezi nka Gidiyoni mw’izina rya Yesu. Mwambike ubushobozi atandukanye ivyarimwo ,ashobore kunyaga satani agizimisi amutuntuza ,raba uwo yibaza ko wamuhevye,mwiyereke,raba uwo yibaza ko ari wenyene ,raba uwu atagira ico afungura ari mumahanga yitwa impunzi ariko weho umubona nk’umunyenkomezi .isi yaramuhaye amazina ariko muhindurire izina uno musi n’Umunyenkomezi ,girira neza muburyo bw’impwemu uwo wese aza gusoma iri jambo ryawe akarikunda akubone kumusi wiwe w’amagorwa; dusenze gutyo mw’izina rya Yesu Kristo umwami n’umucunguzi wacu,amen!