Kwumira kuco wahawe, ico wabwiwe nico wabonye.


Pasteur Romoild KAROREROE-mail:lomoildkarorero@yahoo.fr

B.P 7442 Bujumbura

«UKURI KW’IJAMBO RY’IMANA»

ICIRWA:—-KWUMIRA KU KINTU UFISE (Ivyahishuriwe Yohana 2 : 24-25)

(……..Nti nta wundi mutwaro mbikoreza atar’uyu,ko mwumira ku co mufise  Mugashitsa aho nzozira.)

IGICE CA MBERE

**********************

I. KUMIRAKO NI : 

1. Kumira ku kintu n’ugufata ikintu : 

a. n’inkomezi nyinshi

b. n’igikorwa ukora ufise intumbero yo kutarekura

c. n’igikorwa kibamwo kwitanga

d. n’igikorwa umuntu akora ku kintu :

– yakiriye 

– acakiye 

– agaca agifata

– akakigumya cane 

N.B : Ivyo umuntu ategerezwa kubikorana : 

1. ubwenge

2. inkomezi

3. ubushobozi

4. amakenga

N.B : Ivyo umuntu akoresha mukumirako. 

1. Ibice bitandukanye vy’umubiri  

a. Ivyiyumviro 

b. Umutima 

c. Amaboko

d. Umunwa eka n’ibindi…

2. N’ibindi bintu abona ko vyoshigikira 

ivyo muri ico gikorwa.

II. HARI IMPAMVU ZITUMA UMUNTU YUMIRAKO 

1. Kuba uri nico ufise 

a. Bibiliya ica ivuga ngo : Ariko Mweho ab’i Tuwatita, abadafise iyo nyigisho mwese ; …….Ntawundi mutwaro mbikoreza atar’uyu, KOMWUMIRA KUCO MUFISE gushitsa aho nzozira (Ivyahishuriwe Yohana 2 : 24-25). 

Ikibazo : None wewe ufise iki ? 

    b. Turetse ibindi vyinshi umuntu afita mu buzima bwa misi yose bwo     

           kw’isi, twokwibutsa bimwe vy’ikimazi vyo mu buryo bw’Impwemu.

– Agakiza n’ikintu c’igiciro twahawe, twakira dusabwa kumirako kuko ako gakiza kaduha kuba: 

• Ishamvu (umurima) w’Imana;

• Abana b’Imana ;

• Abacunguwe ;

• Kuba Samurarwa w’Ivy’Imana (Ab’igalatiya 4 : 7). 

– Mpwemu Yera, uwo nawe twamuhawe nk’Umufasha mu rugendo, n’urugamba rw’Impwemu kugira ngo adushoboze kunesha. Uyo nawe nuwo kumirako cane.

N.B : Tutibagiye kandi ko har’igihe umuntu yumira kubitagira ikimazi (ivy’isi) 

          vy’akanya gato bigatuma ahomba ubugingo budashira bwo mu gihe 

          kizoza. 

2. Impamvu ya kabiri ituma umuntu yumirako ni : kuba ufise ico ugomba, bikagutera kigutera kumirako.

Ex : Yakobo 

a. Yakobo kuko yagomba UMUHEZAGIRO anigana n’umumarayika ijoro ryose kugeza naho amusaba kumurekura nawe ati sindakurekura utampezagiye (Itanguriro 32 : 22-26).

      Ex : Elisa 

b. Elisa kuko yari yamenye ko Eliya agira aduganwe mw’ijuru yaranse kumuv’inyuma mu gihe Eliya yabimusavye incuro zitari nke ariko Elisa Agumana nawe kuko yagomba UMUGABANE KU MPWEMU YA ELIYA (2 Abami 2 : 1-18).

N.B:NAHO BIRIKO BIGENDA UKO UBIBONA UMIRAKO!